Yesaya 42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umushumba w’Uhoraho 1 Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga. 2 Ntazoyogora, ntazosemerera, kandi ntazokwumvikanisha ijwi mu nzira. 3 Ntazohohosha irenga rivunitse, n’urumuri ruyenga ntazoruzimya: azoshikana amateka mu vy’ukuri. 4 Ntazodendebukirwa, ntazocika intege, gushitsa ah’ azoshingira amateka mw isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe. 5 Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo: 6 ati Jewe Uhoraho naguhamagaye mu bugororotsi: nzogufata nkuzigame, ngutange ng’ ubere abantu isezerano, n’abanyamahanga ubabere umuco; 7 ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe. 8 Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano. 9 Rāba ivya mbere birashitse, kandi ndabamenyesha n’ibisha; bitaraseruka ndabibabgira. 10 Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, n’ishimwe ryiwe uhereye ku mpera y’isi; muririmbe yemwe abagenda ku kiyaga, n’ibiri muri co vyose, namwe biyaya vyo kuri co, n’ababibamwo. 11 Ubugaragwa n’ibisagara vyabgo ni birangurure ijwi, n’imihana y’Abakedari; ababa i Sela baririmbe, basemerere bari ku mpinga z’imisozi. 12 Ivyo ni vyubahe Uhoraho, vyamamaze ishimwe ryiwe mu baba ku kiyaga. 13 Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye. 14 Eh’ aho nahoreye; naracereje, ndiyumanganya: noneho ndataka cane nk’umugore ari mu bise, nzohezagirika nsēmagiritse. 15 Nzotongora imisozi n’uturambi, numishe ivyatsi vyose vyaho; mu nzūzi nzohahindura i musozi, kandi nzokamya ibidengeri. 16 Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba. 17 Arikw abīshimira ibishushanyo vy’ibibāzano bazosubizwa inyuma, bazotētērwa cane, bo n’ababgira ibishushanyo vyāvugutiwe mu nkero, bati Mur’ imana zacu. 18 Mwa bipfamatwi ni mwumve; mwa mpumyi ni murābe kugira ngo mwitegereze. 19 Ni nde mpumyi atar’ umushumba wanje, canke gipfamatwi nk’intumwa yanje ntuma? Ni nde mpumyi nk’ umugendanyi wanje, kand’ ahumye nk’umushumba wanje, jewe Uhoraho? 20 Abona vyinshi yamara ntiyitegereza; amatwi yiwe arazibūtse, yamara ntiyumva. 21 Vyahimbaye Uhoraho kudūza ivyagezwe no kuvyubahiriza, kubg’ ukugororoka kwiwe. 22 Aba bantu n’abantu bāsahuwe, bānyazwe inkōkōre; bose bāratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero; n’abo gucika inyagano, ata wo kubakiza; n’abo gucika inyagano, ata wo kuvuga ati Barekure. 23 Ni nde muri mwebge yotegera ugutwi ivyo, agaca uruma akumva ivy’ igihe kizoza? 24 Ni nde yatanze aba Yakobo ngo banyagwe, kand’ Abisirayeli akabaha ababanyaga? Mbega s’Uhoraho, uwo twacumuyeko, kandi ntitwemeye kugendera mu nzira ziwe, ntitwumviye ivyagezwe vyiwe? 25 Ni co catumye aturekurirak’ uburake bgiwe bg’inkazi n’intambara zikomeye; bikaduturira impande zose, kandi ntitwabimenya, vyaraduturiye yamara ntitwabishirak’ umutima. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi