Yesaya 41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibiteye ubgoba abatubaha Imana 1 Ni mucereze munyumvirize, yemwe ababa ku kiyaga; amahanga ni yiyubure, asubire mu nkomezi nsha, bīgire hafi; maze bahēreko bavuge: twegerane, tubūrane. 2 Ni nde yavyukije ūva i burasirazuba, akāma anesha ukw ashingūye ikirenge? Amugomoreye amahanga, amuha kuganza abami, ayagomorera inkota yiwe iyahindura nk’umukungugu, n’umuheto wiwe uyahindura nk’ibishingwe bikubebga n’umuyaga. 3 Arabatōta, agenda aja imbere ata nkomanzi; mber’ ajana inzira ibirenge vyiwe bitigeze gucamwo. 4 Ni nde yabikoze akabishitsa, ahamagaye abantu uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana uhereye kw itanguriro? Ni jewe Uhoraho, uwa mbere n’ uw’ iherezo, ni jewe nyene. 5 Ababa ku kiyaga barabibonye, baratinya; abo ku mpera z’isi bahinda agashitsi: bīgira hafi, baraza. 6 Umuntu wese yafashije umubanyi wiwe, akabarira mugenzi we, ati Gumya umutima. 7 Nuk’ umuhinga aremesha umucuzi w’izahabu, ūryohoza inyundo akaremesha ūcurira kw ibuye, akavuga, at’ Ivyuma twabiteranije neza; maz’ akagikomeresha imisumari ngo kigume. Ibiremesha abubaha Imana 8 Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakobo uwo natoranije, ruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wanje: 9 wewe uwo natoye, nkagukūra ku mpera z’isi, nkaguhamagara ng’uve ku mfuruka zayo, nkakubgira, nt’ Ur’ umusavyi wanje, naragutoranije sinagutaye; 10 ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje. 11 Eh’ abakurakiye bose bazotētērwa bamāramāre: abagutonganya bazocika ubusa, baranduke. 12 Abaguhāririza uzobarondera, ubabure, kand’ abakurwanya bazocika ubusa, bakamangane. 13 Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara. 14 Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe. 15 Rāba nzoguhindura igisekuzo gisha, gikarishe gifise amenyo: uzohūragura imisozi uyinoze, uzohindura uturambi nk’ umuguruka. 16 Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli. 17 Impahazwa n’ abakene barondera amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba. 18 Nzoziburura inzūzi mu mpinga z’imisozi y’uruharabuga, n’amasōko hagati mu myonga: ubugaragwa nzobuhindura ikidengeri c’amazi, n’igihugu cumye nzogihindura imbizi z’amazi. 19 Mu bugaragwa nzohatera ibiti vy’amasederi n’ivy’ imishita n’ivy’ imihadasi n’ivya elayo; kandi mu gahinga nzohashira ibiti vy’akajwari n’ivy’ imitidari n’ivy’ imiteyashuri bikurane; 20 kugira ngo barābe, bamenye, bitegereze, batahurire hamwe yuk’ ukuboko kw’Uhoraho ari kwo gukoze ivyo, kandi k’Uwera w’Abisirayeli ari we yabiremye. Ibigirwamana nta kimazi 21 Ni muzane imibūrano yanyu, ni k’Uhoraho agize; muserure inyanduruko zanyu zikomeye, ni k’Umwami wa Yakobo agize. 22 Ni babiserure, batubarire ibizoba: ni muvuge ivyabayeho ivy’ ari vyo, kugira ngo tuvyiyumvire, tumenye iherezo ryavyo; canke se mutwereke ibizoza. 23 Muvuge ibigiye kuzoza hanyuma kugira ngo tumenye ko mur’ imana: mupfe gukora iciza canke gukora ikibi, kugira ngo tukirābe twese, tujorerwe. 24 Rāba nta co murimwo, kandi n’igikorwa canyu n’ ubusa: ūbahitamwo aba abaye umuyobe. 25 Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba. 26 Ni nde yabivuze uhereye ubga mbere ngo tubimenye, canke ni nde yabivuze kera kugira ngo tuvuge, tut’ Ivyo n’ivy’ ukuri? N’ukuri koko nta wabivuze, n’ukuri nta wavyerekanye, n’ukuri nta wumvise amajambo yanyu. 27 Ni jewe nabanje kubgira Siyoni, nti Ngabo baraje! I Yerusalemu mpatuma intumwa yo kubabgira ubutumwa bgiza. 28 Naritegereje, mbona ata wuriho; muri bo ubgabo nta n’ umujanama ariho yoshobora kunyishura n’ijambo na rimwe mbabajije. 29 Rāba bose ibikorwa vyabo nta co birimwo kandi n’ubusa gusa: ibishushanyo vyabo vyāvugutiwe mu nkero ni bga muyaga kandi n’ubusa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi