Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uwo musi abakobga ndwi bazofata umugabo umwe, bamubgire, bati Tuzokwīrīra ivyo kurya vyacu, tuzokwiyambika impuzu zacu: kimwe gusa, uduhe kukwitirirwa izina ryawe, nawe udutēturure.


Imana isezerana gukiza abakobga b’i Yerusalemu

2 Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.

3 Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera,

4 Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.

5 Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira.

6 Kandi hazobah’ ihema ku murango ryo gutera igitūtu kubg’ indugumba, ribe n’ubuhungiro n’ubgugamo bg’isegenya n’imvura.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan