Yesaya 34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Amateka azocirwa amahanga, no kugesera kwa Edomu 1 Mwa mahanga, ni mwīgire hafi kugira ngo mwumve; mutege amatwi mwa moko mwe; isi ni yumve, bo n’ibiyuzuye; n’ivu n’ibirimeramwo. 2 Kuk’ Uhoraho ashangashiriwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose, arabagesheje rwose, arabagabuye ngo bicwe. 3 Abishwe babo bazoshiburirwa hirya, umunuko w’imivyimba yabo uzoduhuka, imisozi izojegeshwa n’ ibitenga vy’amaraso yabo. 4 Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni. 5 Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane. 6 Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu. 7 Imbogo zizogwa hamwe na vyo, amashūri hamwe n’amapfizi; igihugu cabo kizoborerwa amaraso, n’ivu ry’i wabo rizohāga ibinure. 8 Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni. 9 Imigezi yaho izohinduka kaburimbi, n’ivu ryaho rizohinduka amazuku; kand’ igihugu caho kizohinduka kaburimbi yaka. 10 Ntikizozimwa ku murango no mw ijoro, umwotsi waco uzopfunduka ibihe bidashira; kizohora ar’ amatongo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana: kandi nta wuzogicamwo gushitsa ibihe bitazoshira. 11 Arikw inkongori n’ibinyogoto ni vyo bizocegukira, ibihuna n’ibikona na vyo bizokibamwo; azohageresha umugozi, ni wo bitongozi, na karisho, ni ko gusigara ubusa. 12 Bazohamagara abashingantahe b’ico gihugu ngo bimike umwami, ariko nta bazoba bariho; kand’ abaganwa baho bose bazoba bacitse ubusa. 13 Ingoro zaho zizomeramw’ amahwa, n’ibihome vyaho bizomeramw’ ibisuru n’ibitovu; hazoba ubgishinzo bg’ imbgebge n’inama y’ibisīga vyitwa imbuni. 14 Ibikōko vyo mu bugaragwa bizohūrirayo n’amabingira, n’igisigo c’impfizi y’impene kizohamagarana na mugenzi waco, mbere n’ikinyejoro kizohagerēra, kihibonere uburuhukiro. 15 Ni ho imvuvyi izokwigirira umwimba, ihatere amagi, ihamenagurire, ikumakumire musi y’igitūtu cayo: mber’ aho ni ho ibinyakabaka bizokoranira, ikigore cose kiri kumwe n’ikigabo caco. 16 Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije. 17 Yabipfindiye ubupfindo, kand’ ukuboko kwiwe ni kwo kwahabigaburiye n’umugozi; bizohegukira gushitsa ibihe vyose, bihabe ukw ibihe bihaye ibindi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi