Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyago bizanwa n’ivyaha

1 Rāba Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, anyaze ab’ i Yerusalemu n’Abayuda icishimikizo n’inkoni begamiye, icishimikizo cose, ari co vyo kurya vyabo, n’icishimikizo cose, ari co mazi yabo;

2 hamwe n’umuhizi n’intōre, n’umucamanza n’ūvugishwa n’Imana, n’umupfumu n’umushingantahe,

3 n’umugabisha w’ingabo mirongwitanu n’umunyacubahiro, n’umujanama, n’umukozi w’umuhinga, n’umupfumu w’incabanganya.

4 Nzobaha abana babe ari bo babatwara, kand’ imicūko ni yo izobaganza.

5 Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.

6 Ico gihe umuntu azofata uwo bavukana mu rugo rwa se, amubgire, ati Kw ari wewe ufise imyambaro, ba ari wewe utuganza, n’ibi bitongozi abe ari wewe ubitwara.

7 Uwo musi na we azosemerera, ati Sinshobora kubasanasana, kukw i wanje ata vyo kurya ngira, ata n’imyambaro: nta co mungira umutware w’abantu.

8 I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.

9 Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.

10 Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.

11 Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.

12 Yamar’ abantu banje, abana ni bo babacuranguza, kand’ abagore ni bo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarōngōra barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo.

13 Uhoraho ahagurukijwe no kubūrana, kand’ ahagurukijwe no gucira amahanga imanza.

14 Uhoraho azoshira abakuru b’abantu biwe n’abaganwa babo mu rukinja, ati Ni mwebge mwakomvye uruzabibu, ivyo mwanyaze impahazwa biri mu ngo zanyu:

15 mukora ibiki, gusekura abantu banje, mugasya impahazwa? ni k’Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abaza.


Ibara rizobonwa n’abakobga b’i Siyoni

16 Bitayeko Uhoraho aravuze, ngw Abakobga b’i Siyoni ko bībona, bakagenda bararitse amazosi n’amaso y’ubgēruzi, bakagenda bīkūmagura, bajegeza amayugi ku maguru:

17 ni co kizotuma Umwami Imana atēza abakobga b’i Siyoni ibihūshi mu bitwariro, Uhoraho agatwikurura ibiteye isoni vyabo.

18 Kur’ uwo musi Umwami Imana azobashazūra ugushaza kw’inyerere zabo, n’ibikubi, n’ibihete,

19 n’impeta zo ku matwi, n’indinga, n’inkekezo bīshīshira,

20 n’ibitsibo, n’imigufu yo ku maguru, n’imisipi, n’udukebano tw’ibitāmirana, n’uduhēko,

21 n’impeta zo ku ntoke n’izo ku mazuru,

22 n’impuzu zo ku misi mikuru, n’imitamana, n’impuzu zo kurenza hejuru, n’udupfuko,

23 n’ivyirore, n’imvune zera, n’ibitambara bīteze mu mutwe, n’ubuyonga.

24 Maze mu gishingo c’imbazi hazoba umunūko; mu gishingo c’ikimano c’ubudede hazoba umugozi; mu gishingo c’umushatsi utsivye hazoba inkomvorera; mu gishingo c’impuzu y’igisāga hazoba igunira; n’ibikovukovu mu gishingo c’amarangi.

25 Intōre zawe zizokwicwa n’inkota, abahizi bawe bazogwa mu ntambara.

26 Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge: hazokwicara hasi hasigaye ar’ umuzigirizwa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan