Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imbūri yo kuri Tiro

1 Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.

2 Ni mujorerwe, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga, mwa badandaza b’i Sidoni, mwahora muca mu kiyaga,

3 ku mazi menshi; inyungu zanyu zar’ impeke zivuye kuri Shihori, n’ivyimburwa vyo kuri Nili; mwabaye abadandaza b’amahanga.

4 Ewe Sidoni māramāra; kukw ikiyaga kivuze, igihome co ku kiyaga kiravuze, kiti Sinaramutswe, sinavyaye, kandi sinonkeje abahungu, sinareze n’abakobga.

5 Inkuru ni yashika muri Egiputa bazobabazwa cane n’izo nkuru zivuye i Tiro.

6 Ni mujabuke muje i Tarushishi; muboroge, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga.

7 Mbeg’ iki ni ca gisagara canyu c’umunezero, camyeh’ uhereye imisi ya kera cane, cagendesha amaguru kure kugerērayo?

8 Ni nde yagabiye kugirira Tiro ivyo, kand’ ar’ igisagara cambika ibitsibo, abadandaza baho bakaba abahambaye, n’abahanjo baho bakaba ar’ abanyacubahiro mw isi?

9 Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi.

10 Sendanisha mu gihugu cawe nk’uko Nili rusendanisha, wa mukobga w’i Tarushishi, kukw ata kikikubujije.

11 Yabānguye ukuboko hejuru y’ikiyaga, anyiganyiza ibihugu vy’abami; Uhoraho agera ivy’ i Kanani ngo bakomvomvore ibihome vyaho.

12 Aravuga, ati Ntugisubira kunezerwa, wa nkumi y’i Sidoni yononekaye; va hasi ujabuke uje i Kupuro, kandi n’iyo na ho ntuzoharonka uburuhukiro.

13 Ni murābe igihugu c’Abakaludaya: ubgo bgoko ntibukiriho; Abashuri bahahinduye ah’ ibikōko vyo mu bugaragwa. Bashinga ivyo būririrako, basambura ingoro zaho; bahaca amatongo.

14 Boroga, mwa māto y’i Tarushishi: kukw igihome canyu gisanganguwe.

15 Maze kur’ uwo musi i Tiro hazokwibagirana imyaka mirongwirindwi, ihwanye n’imisi umwami umwe yomara ku ngoma; iyo myaka mirongwirindwi ni yashira, ibizoba kuri Tiro bizomera nk’ivyo mu kavyino ka maraya.

16 Abira inanga ugendagende mu gisagara, wewe maraya wari waribagiranye; ucurarange neza, uvyine utuvyino twinshi kugira ngo wibukwe.

17 Nukw iyo myaka mirongwirindwi ni yashira Uhoraho azogendera i Tiro, hasubire ku mpēra y’ubumaraya bgaho, hasambane n’ibihugu vy’ abami bose bo mw isi.

18 Inyungu n’impēra vyaho bizoba ivyera k’Uhoraho; ntibizobīkwa kandi ntibizoshirwa ukwavyo, kukw inyungu zaho zizoba iz’ abahora imbere y’Uhoraho, kugira ngo barye bahāge, baronke n’imyambaro myiza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan