Yesaya 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga 1 Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba. 2 Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize. 3 Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona. 4 Umutima wanje urahuzagizwa, mpundagajwe n’ubgoba: ijoro nari nifuje ryampindukiye agatengo. 5 Batunganya ameza, bagashirah’ abashibamyi, bakarya bakanywa. Haguruka, mwa baganwa, musīge inkinzo amavuta! 6 Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: ati Genda ushireh’ umushibamyi, az’ avuge ico yabonye. 7 Ni yabona umuce w’ingabo, ar’ abagendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri, cank’ ar’ abagendera ku ndogoba, cank’ ar’ abagendera ku ngamiya, az’ abange amatwi yumvirize cane. 8 Maz’ avuga nk’intambge, ati Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako, kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje: 9 non’ ehe haje umuce w’ingabo zigendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri. Arongera aravuga, ati Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse. 10 Ewe wa muhūre wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye. Imbūri yo kuri Duma 11 Imbūri yo kuri Duma. Harih’ ūmpamagara ar’ i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? 12 Wa mushibamyi aramwishura, ati Bugira buce, kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza, mubaze; muhindukire muze. Imbūri yo kuri Arabiya 13 Imbūri yo kuri Arabiya. Yewe wa gugu ry’Abadedani, mw ishamba ryo muri Arabiya ni ho muzorāra. 14 Uwishwe n’inyota bamuzaniye amazi, ababa mu gihugu c’i Tema basanganije izo mpunzi ivyo kurya. 15 Kuko bāriko barahunga inkota, inkota zisokōwe, n’imiheto ifoye, n’ivyago vy’intambara. 16 Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: at’ Umwaka utarashira, urīmbūye umwaka nk’uw’ umucangero, icubahiro cose c’i Kedari kizoshira; 17 n’amasigarira yo mu gitigiri c’ abarashi b’abahizi b’Abakedari bazoba imparūrwa; kuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari we abivuze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi