Yesaya 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Abaganza igihugu, ni murungike ingorore z’imyagazi y’intama muzikūye i Sela, muzicishe mu bugaragwa, muzirungike ku musozi w’umukobga w’i Siyoni. 2 Kuko nk’ukw inyoni ziyerēra icāri gisambutse, ni kw abakobga b’i Mowabu bazomera ku vyambu vya Arunoni. 3 Tugīre inama, uduhanure, ku murango w’amaminangohe utubere igitūtu kimeze nk’ijoro: uhishe abirukanywe, kandi n’inyererezi ntuz’ uzigonyorere. 4 Abirukanywe banje ubemere babe i wawe: kand’ ab’ i Mowabu ubabere ubuhungiro ku babanyaga. Umunyagahahazo ni yahindurwa ubusa, ukunyaga kugashira, kand’ abasiribanga abantu bagaherengetera mu gihugu, 5 ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka. 6 Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa. 7 Ivyo ni vyo bizotuma Abanyamowabu baborogera Mowabu, umuntu wese azoboroga: muzorizwa n’amarobe y’inzabibu y’i Kiri‐hareseti mwihebuye rwose. 8 Kukw imirima y’i Heshiboni iravye, bo n’uruzabibu rw’i Sibuma; abami b’amahanga bāvunaguye amashami yarwo meza‐meza: yar’ ashitse n’i Yazeri, agakakariza mu bugaragwa; amashami yarwo yaragasaye ajabuka n’ikiyaga. 9 Kubg’ ivyo nzoririra uruzabibu rw’i Sibuma, nk’ukw ab’ i Yezeri baruririra. Nzogutotesha amosozi yanje, yewe Heshiboni, nawe Eleyale: kukw akarūru k’intambara kavugiye ku vyeze vyawe vyo mu ci no ku vyimburwa vyawe. 10 Akanyamuneza n’ibihimbaro bīkūwe mw itongo rimera cane; nta kuririmba kuzoba mu ruzabibu, cank’ ijwi ry’umunezero; nta mukānyi azokānyira vino mu bgato: akayego k’abakānyi ndakajibije. 11 Umutima wanje ucurira intimba Mowabu nk’inanga, no mu nda yanje har’ intimba y’i Kiri‐heresi. 12 Kand’ Abanyamowabu ni barasuka, bakaja kwigorera mu bitabo, bakaja mu bigabiro ngo basenge, nta co bizobamarira. 13 Iryo jambo ni ryo Uhoraho yari yaravuze kuri Mowabu mu bihe vyashize. 14 Ariko noneho, Uhoraho avuze, ngw Imyaka itatu itarashira, urīmbūye imyaka nk’iy’ umucangero, icubahiro c’i Mowabu kizokēngērwa bo n’ishengero ryaho ryose rikomeye, kand’ amasigarira azoba ar’ inkehwa rwose, ata co bamaze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi