Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imbūri yo kuri Babuloni

1 Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.

2 Ni mushinge ibendera ku musozi muremure w’uruharabuga, shira ijwi hejuru mubahamagare, mubākure, kugira ngo bace mu birimba vy’abaganwa.

3 Nahaye icagezwe abo nirobanuriye, mbere nahamagaye abahizi banje, bo n’abanyirahira bampayagiza, kugira ngo bashitse ivyo uburake bganje bgāgabiye.

4 Umve ukwo guhinda kw’igugu ku musozi, nk’ukw’ igitero gikomeye! Umve urwo rwamo rw’amahanga y’abami akoraniye hamwe! Uhoraho Nyen’ ingabo arikw arakoranya ingabo azitegurira intambara.

5 Ziva mu gihugu ca kure, ku mpera y’ijuru; Uhoraho azananye n’ibirwanishwa vy’ugushangashirwa kwiwe, guhonnya igihugu cose.

6 Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.

7 Ivyo bizotuma amaboko yose adendebuka, n’umutima w’umuntu wese ushonga.

8 Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.

9 Eh’ umusi w’Uhoraho uraje, ni ruburakigongwe uzananye ishavu n’uburake bg’inkazi; ng’uhindure igihugu imisaka, ugeseze abanyavyaha baho ngo bagishiremwo.

10 Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.

11 Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi.

12 Nzotuvya abantu barushe izahabu nziza‐nziza kuba imparūrwa, mber’ abantu bazoba imparūrwa kurusha izahabu ziramuye zivuye muri Ofiru.

13 Ni co kizotuma ntigitisha amajuru, kand’ isi na yo izonyiganyiga ive ahayo, kubg’ uburake bganje Uhoraho Nyen’ ingabo, ku musi w’uburake bganje bg’inkazi.

14 Maz’ umuntu wese azosubira mu b’i wabo, yiruka nk’ingeregere ihīgwa, canke nk’intama itagira ūyiragiye, umuntu wese ahungire mu gihugu c’i wabo.

15 Uwo bazobona wese bazomusogota, kand’ ūzofatwa mpiri wese bazomwicisha inkota.

16 Utuyoya twabo na two bazotubamenagurira imbere; amazu yabo azosahurwa, kand’ abagore babo bazobenda ku kagōbēro.

17 Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.

18 Imiheto yabo izokenyagura imisore, kandi ntibazogirira akagongwe inda ikiri mu nda, n’ijisho ryabo ntirizobabarira abana bato.

19 Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora.

20 Ntihazokwigera hasubira kweyerwa ngo hubakwe, kand’ uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana, nta wuzosubira kuhaba. Umwarabo ntazohashinga ihema, kandi n’abungere ntibazohavyagiza imikuku yabo.

21 Arikw ibikōko vyo mu bugaragwa ni vyo bizohagandagaza: amazu yabo azokwuzura ibihuna; ibisīga vyitwa imbuni na vyo bizohaba, n’ibisigo vy’amapfizi y’impene bizohatēganira.

22 Amabingira azotontomera mu bihome vyabo, n’imbgebge mu ngoro z’igikundiro. Igihe caho kigira gishike, kand’ imisi ir’ imbere yaho ntizokwongerwako.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan