Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Gushimira Uhoraho imbabazi ziwe

1 Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.

2 Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.

3 Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.

4 Kandi kur’ uwo musi muzovuga, muti Ni mukengurukire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru.

5 Muririmbire Uhoraho, kuko yakoze ivyiza bihambaye: ivyo ni vyamamare mw isi yose.

6 Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan