Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bazobona ibara, abashinga ivyagezwe bitabereye, n’abanditsi bandika ibigoramye;

2 kugira ngo bānzure abakene ngo ntibacirwe imanza, bagakūra urubanza ku bagorwa bo mu bantu banje, bagasahura abapfakazi, bakanyaga n’ impfuvyi.

3 None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?

4 Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Ukw Imana izomara igabo Ashuri

5 Uzobona ibara, Ashuri, wa rugāge rw’uburake bganje! Ubushangashirwe bganje ni bgo nkoni witwaje!

6 Nzomutuma gutera ihanga rikora ibizira, kand’ ubgoko ndakiye nzomugera kubunyaga, agigimvye inyagano, abasiribangire hasi nk’ivyondo vyo mu nzira.

7 Arikw ivyo si we avyituma ubgiwe, kandi si vyo yiyumvira mu mutima wiwe; arikw ikiri mu mutima wiwe n’uguhonnya, no kumara amahanga atari make.

8 Kukw avuga, ati Mbeg’ abagabisha banje bose s’abami?

9 Mbeg’ i Kalino ntihameze nk’i Karikemishi? I Hamati ntihameze nk’i Aripadi, n’i Samariya nk’i Damasiko?

10 Nk’ uk’ ukuboko kwanje kwashitse ku bihugu vy’ibigirwamana vyari bifise ibishushanyo bibājwe kurusha ivy’ i Yerusalemu n’i Samariya,

11 none sinzogirira i Yerusalemu n’ibigirwamana vyaho nk’uko nagiriye i Samariya n’ibigirwamana vyaho?

12 Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.

13 Kuko yavuze, ati Ni jewe nabikoze kubg’ inkomezi z’ukuboko kwanje no kubg’ ubgenge bganje, kuko nd’umuhanga: nakūyeh’ imbibe z’amahanga, nanyaze ubutunzi bgabo, nashubije hasi abahambaye nk’umuhizi:

14 kand’ ukuboko kwanje kwironkeye ubutunzi bg’ amahanga nk’uwironkeye icāri c’ inyoni, kandi nk’uk’ umuntu atoragura amagi inyoni yahevye, ni ko nanje natoraguye ibihugu vyo mw isi yose; nta wakakaje n’ibaba, nta wakūyek’ umunwa, nta wajwigiriye.

15 Mbeg’ incabiti yokwirata k’ūrikw arayisatuza? Cank’ umusumeno wokwihayagiza k’ūrikw arawukereza? Ni nk’ah’ inkoni yozungagiza ūyītwāje, cank’ ikibando coterura ikitar’ igiti!

16 Ni co kizotuma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, azorungika ubukonyere mu bavyibushe bo muri Ashuri, kandi mu bgiza bgiwe hazodomekwa hashe nk’ ahaturirwa n’umuriro.

17 Kand’ umuco w’Abisirayeli uzoba nk’umuriro, kand’ Uwera wabo azoba nk’urubeya: uzoturira utongore amahwa yiwe n’imikere yiwe ku musi umwe.

18 Kand’ azoherengeteza ubgiza bg’ikibira ciwe, n’ubg’ indimiro yiwe imera cane, aherengeteze uhereye ku bugingo ugashitsa ku mubiri; bizomera nk’umurwayi yagongoberanye.

19 Kand’ amasigarira y’ibiti vyo mu kibira ciwe azoba imparūrwa, nk’ivyo umwana muto yokwandika igitigiri.


Imana isezeranira Abisirayeli kubatabara

20 Nuko kur’ uwo musi amasigarira y’Abisirayeli n’abazoba barokotse b’inzu ya Yakobo, bazoba batacisunga uwabakubise, ariko bazokwisunga Uhoraho Uwera w’Abisirayeli mu vy’ukuri.

21 Amasigarira azogaruka, ni yo masigarira y’aba Yakobo, bagaruke ku Mana y’ubushobozi.

22 Kuk’ ubgoko bganyu, yemwe Bisirayeli, naho bungana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yo kuri bgo ni yo azogaruka gusa; kugeseza kwarashinzwe, kuzoza gusendanishije ukugororoka.

23 Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo azogeseza bikomeye mu gihugu cose, nk’uko yabigabiye.

24 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize: ati Yemwe bantu banje baba i Siyoni, nta co mutinya aba Ashuri, naho bazobakubita inkoni, bakababāngurira ubuhiri, nk’ukw Abanyegiputa bābagiriye.

25 Kuko hasigaye igihe gito cane ubushangashirwe n’uburake bganje bigashitswa mu guhona kwabo.

26 Nuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azobashongongezakw ikimoko, nka hamwe Abamidiyani bīcirwa ku gitandara ca Orebu: kand’ inkoni yiwe izoba ibānguye hejuru y’ikiyaga, kand’ azoyibāngura nk’uko vyabaye muri Egiputa.

27 Kandi kur’ uwo musi imitwaro bābaremēka izobava ku bitugu, n’ingōgo bābambika mu mazosi zizovunwa. Baradūze bavuye i Rimoni;

28 bashitse muri Ayati, baciye i Migironi; i Mikimashi ni ho basize ibintu vyabo vy’intēkera:

29 baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!

30 Shira ijwi hejuru utakambe, wa mukobga w’i Galimu! Banga ugutwi, Layisha! Ewe Anatoti uragowe!

31 Ab’ i Madimena bacitse igikuba, ababa i Gebimu bahunganye utwabo!

32 Kur’ uyu musi wa none barataha i Nobu, babānguriye ukuboko umusozi w’umukobga w’i Siyoni, umurambi w’i Yerusalemu.

33 Eh’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo azocisha amashami ububasha bgiwe bg’agaterabgoba: ibirebire bisumba ibindi bizokwicirwa, n’ivyishize hejuru bizorambikwa hasi.

34 Kand’ ibisaka vyo mu kibira azobitemesha icuma, n’i Lebanoni hazotsindwa n’uwo muhizi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan