Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho abūranya abantu biwe

1 Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.

2 Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.

3 Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura.

4 Ewe wa hanga rikora icaha, ubgoko buremerewe n’ukugabitanya, uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, abana b’ivyanke! Barantaye, jewe Uhoraho, barankengēra, jewe Uwera w’Abisirayeli; twārahubanywe, bāsubiye inyuma.

5 Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.

6 Uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe nta hazima hariho, atar’ inguma n’ibipfupfuri n’imishishagu, bitigeze gukandwa canke gupfukwa canke kubombekeshwa amavuta.

7 Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.

8 Umukobga w’i Siyoni asigaye ameze nk’umutara uri mu ruzabibu, ameze nk’urusago ruri mu ndimiro y’imyungu, ameze nk’igisagara gitawe hagati n’abansi.

9 Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.

10 Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora.

11 Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.

12 Iyo muje kunshengerera, ni nde aba yābabariye gupfa kunkandagirira mu rugo?

13 Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane — eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo!

14 Uko muziririza imboneko z’amezi n’imisi mikuru mwashiriweho, umutima wanje urabizinutswe; birangoye, ndambiwe kuvyihanganira.

15 Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.


Uhoraho ahanura Abayuda ngo bahindukire, abaharire.

16 Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,

17 mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, mubūranire abapfakazi.

18 Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.

19 Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu.

20 Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.

21 Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.

22 Ifeza zawe zihindutse inkamba, vino zawe zihindutse imihwanyo.

23 Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.

24 Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!

25 Nzogufatisha ukuboko kwanje, ngukūremwo rwose inkamba zawe, nkumaremw’ urwevu rwawe rwose.

26 Nzosubizah’ abacamanza bawe nk’ubga mbere, n’abajanama bawe nko mu matangura; uheze witwe igisagara c’ubugororotsi, umurwa wizigirwa.

27 I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka.

28 Arikw abacumura n’abanyavyaha bazotikirizwa rimwe, kand’ abataye Uhoraho bazohona.

29 Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;

30 kuko muzomera nk’umweloni uravye amababi, canke nk’ikigabiro kitagira amazi.

31 Umunyenkomezi azohinduka nk’ibisūsūrwa, n’igikorwa ciwe nk’ isase ry’umuriro; vyompi bizohīra hamwe, kandi nta wuzobizimya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan