Yeremiya 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya arizwa n’ivyaha vy’Abayuda no kuzohanwa kwabo 1 Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu! 2 Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana. 3 Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze. 4 Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza. 5 Kand’ umuntu wese ahenda umubanyi wiwe, ntibavugane ukuri: bātoje ururimi rwabo kuvuga ibinyoma; bīgōza gukora ivy’ ukugabitanya. 6 Ereg’ ah’ uba ni hagati mu binyoma; ibinyoma ni vyo bibankisha kummenya, ni jewe Uhoraho mbivuze. 7 None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki? 8 Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye. 9 Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo? 10 Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye. 11 Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba. 12 Ni nde munyabgenge yotahura ivyo? Kandi ni nde yabibariwe n’akanwa kanje, jewe Uhoraho, kugira ngw avyamamaze? N’iki gitumye igihugu cononekara kigasha uburimbi nk’ubugaragwa, ntihabe hakigira ūhaca? 13 Maz’ Uhoraho aravuga, ati Ko bātaye ivyagezwe vyanje nabashize imbere, ntibanyumvire, canke ngo babigenderemwo, 14 ariko bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira Bayali, nk’uko ba sekuruza bābigishije: 15 nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba, aba bantu nzobagaburira ivy’ umururazi, mbahe amazi y’ubumara ngo bayanywe. 16 Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze. 17 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mwitegereze ivyo, muhamagare abagore bazi kuvuza induru, mutume ku bagore babizi cane, kugira ngo baze: 18 banyaruke, batangure kuborogera ivyacu, kugira ngw amaso yacu acundugute amosozi, amazi yisuke ava mu bigohe vyacu. 19 Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu. 20 Yemwe bagore, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, amatwi yanyu yumvirize ijambo ryo mu kanwa kiwe; mwigishe abakobga banyu kuboroga, umugore wese yigishe mugenzi we gucura akanihiro. 21 Kuk’ urupfu rwūriye rugaca mu madirisha yacu, rukinjira n’i bukuru bgacu; rukaririka abana bari hanze, n’abasore bari mu mayira. 22 Vuga, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Imivyimba y’abantu izokwandagara nk’amase ku gasozi, izogwa nk’isasira inyuma y’umwimbuzi, ata wo kuyegeranya. 23 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe; 24 arik’ uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze. 25 Eh’ imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, ngo mpane abākebge ariko batākebge nyakuri; 26 ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi