Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yongera kwinginga abantu ngo bihane

1 Ijambo rivuye k’Uhoraho riza kuri Yeremiya,

2 riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.

3 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobabesha aha hantu.

4 Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!

5 Erega ni mwatunganya ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, ni mwaca imanza ziri hagati y’umuntu na mugenzi we,

6 ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’ūtācumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago:

7 nuko nanje nzobabesha aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza, uhereye ubga mbere ugashitsa ibihe bidashira.

8 Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi!

9 Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,

10 maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?

11 Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.

12 Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.

13 Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;

14 nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.

15 Kandi nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.


Ivy’ abataye Imana Rurema bakagendanira izindi

16 None rero nta co usengera ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ubasengere, kandi ntubanyingingire: kuko ntazokwumva.

17 Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu?

18 Abana batoragura udukwi, ba se bagacana umuriro, abagore bagacumba, ngo bahakurire imitsima umwamikazi wo mw ijuru, kandi ngo basukire ibiturire izindi mana, ngo bantere ishavu.

19 Mbega ni jewe baritera gusa? Si bo baryitera, ngo bibazanire ukumāramāra? ni jewe Uhoraho mbibajije.

20 Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.

21 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ibimazi vyanyu vyo kwoswa, enda ni mubirundanye hamwe n’ivyo gukererwa, mwīrīre inyama!

22 Kukw ata co nabariye ba sogokuruza banyu, canke ngo ngire ico mbabgira ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, ku vyo kwosa ibimazi canke kubikerera:

23 arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.

24 Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.

25 Uhereye umusi ba sogokuruza banyu bāviriye mu gihugu ca Egiputa ugashitsa no kur’ uyu musi, nabatumyekw abasavyi banje bose, ari bo mvugisha, nama nzindurwa uko bukeye no kubatuma:

26 ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.

27 Nawe naho wobabgira ayo majambo yose ntibazokwumva; kandi naho wobahamagara ntibazokwitaba.

28 Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.

29 Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.

30 Kuk’ uruvyaro rwa Yuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze; bashize ibintu vyabo vy’ubuyobe mu ngoro yitirirwa izina ryanje, ngo bayihumanye.

31 Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.

32 None rer’ umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’ Imihindigiti, kuko bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba.

33 Kand’ imivyimba y’ubu bgoko izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ata wo kuvyirukana ariho.

34 Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan