Yeremiya 52 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uko vyagenze Nebukadineza atsinze i Yerusalemu 1 Zedekiya yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’umwe; ayimarakw imyaka cumi n’umwe i Yerusalemu. Nyina yitwa Hamutali, umukobga wa Yeremiya w’i Libuna. 2 Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ivyo Yehoyakimu yakoze vyose. 3 Kukw ivyabaye i Yerusalemu n’i Buyuda vyavuye ku burake bg’Uhoraho, gushitsa ah’ amaramarije kubirukana imbere yiwe. Hanyuma Zedekiya agarariza umwami w’i Babuloni. 4 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ ibihome vyo kuhatera hirya no hino. 5 Nuko bakomeza kwugariza ico gisagara gushitsa ku mwaka ugira icumi na rimwe umwami Zedekiya ari ku ngoma. 6 Mu kwezi kwa kane, ku musi wakwo ugira icenda, inzara yar’ imaze guhūma mur’ ico gisagara, bituma abantu b’abanyagihugu babura ico barya. 7 Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ ico gisagara; maz’ ingabo zose zirahunga, zihenga mw ijoro ziva mu gisagara, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuko zijana inzira ica mu kiyaya Araba. 8 Maz’ ingabo z’Abakaludaya zōma inyuma y’umwami Zedekiya, zimuhambiriza mu kiyaya c’i Yeriko: ingabo ziwe zirasābagira ziramuta. 9 Maze bafata umwami, baramudūgana, bamuzanira umwami w’i Babuloni bamumusanza i Ribula, mu ntāra y’i Hamati: amucirakw iteka. 10 Nuk’ umwami w’i Babuloni yicira abahungu ba Zedekiya imbere y’amaso yiwe nyene; yicira n’ abaganwa bose b’i Buyuda i Ribula. 11 Anogora amaso Zedekiya; maz’ uwo mwami w’i Babuloni amwambika umunyororo, amujana i Babuloni, amushira mw ibohero, arinda ashitsa umusi yapfiriye. 12 Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira icumi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, yahora ahagarara imbere y’umwami w’i Babuloni, yinjira i Yerusalemu. 13 Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho n’ingoro y’ umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu, mber’ amazu yose y’ abahambaye ayatongoza umuriro. 14 Maz’ ingabo zose z’Abakaludaya zari kumwe n’uwo mukuru w’abashibamyi, zisangangura inzitiro zose z’i Yerusalemu impande zose. 15 Maze Nebuzaradani, uwo mukuru w’abashibamyi, ajana bamwe bo muri ba nyarucari ar’ inyagano, bo n’amasigarira y’ abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi. 16 Ariko Nebuzaradani, uwo mukuru w’abashibamyi, asiga abandi bo muri ba nyarucari bo mur’ ico gihugu ngo batunganye imizabibu, barime. 17 Kand’ inkingi z’imiringa zari mu ngoro y’Uhoraho, n’ibitereko, na ca gikarabiro citwa ikiyaga cācuzwe mu miringa cāri mu ngoro y’Uhoraho, Abakaludaya barabijanjagura, bajana bino bimeneke vyose vy’imiringa i Babuloni. 18 Bajana n’imibindi, n’ ivyuma biyōra umunyota, n’imakasi, n’inzavya, n’udukombe, n’ ibintu vyacuzwe mu miringa vyose bākoresha mu vyo guhēreza; 19 kandi n’ibikombe, n’ivyotero, n’inzavya, n’imibindi, n’ibiterekwakw amatara, n’udukombe, n’ ubgavya, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo. 20 Ku vya za nkingi zompi, na ca kiyaga, na vya bishushanyo vy’amapfizi cumi n’ abiri bicuzwe mu miringa vyari biteretsweko ca kiyaga, na vya bitereko, ivyo umwami Salomo yari yaracurishirije ingoro y’Uhoraho: imiringa ivyo bintu vyose vyacuzwemwo ntiyagira akagero. 21 Ku vy’inkingi, inkingi imweimwe uburebure bgayo bgar’ amatambge cumi n’umunani y’ ukuboko uciriye mu nkokora; ubunini bgo mu nda yayo bgagerwa n’umugozi w’amatambge cumi n’abiri; intimba yayo yagerwa n’intoke zine: imbere yar’ umuheha. 22 Yarik’ umwashi w’umuringa; uburebure bg’umwashi umwe‐umwe bgar’ amatambge atanu, kandi ku mwashi hārikw ibimeze nk’urusenga n’ibimeze nk’ amakomamanga impande zose, vyose vyācuzwe mu miringa: kandi n’inkingi ya kabiri yarikw ibisa n’ivyo, bo n’amakomamanga. 23 Ibisa n’amakomamanga vyari mirongwicenda na bitandatu ku mpande zine; amakomamanga yose na yose yar’ ijana kur’ urwo rusenga hirya no hino. 24 Nuko wa mukuru w’abashibamyi afata Seraya umuherezi mukuru, na Zefaniya umuherezi wa kabiri, n’abashibama ku rugi ukw ari batatu: 25 kandi mu gisagara ahafatira uwaganza ivy’ abahizi b’ intambara, n’abashingantahe ndwi b’abanyejambo b’umwami, abo yasanze mu gisagara; n’umukarani w’umugabisha w’ingabo yakoranya ingabo zo mur’ ico gihugu; afata n’abagabo mirongwitandatu bo mu banyagihugu yasanze hagati mur’ ico gisagara nyene. 26 Maze Nebuzaradani, wa mukuru w’abashibamyi, arabajana, abasanza umwami w’i Babuloni i Ribula. 27 Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywe kw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo. 28 Aba ni bo bantu Nebukadineza yajanye ar’ inyagano: mu mwaka w’indwi yajanye Abayuda ibihumbi bitatu na mirongwibiri na batatu; 29 mu mwaka ugira icumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma, yajanye ab’ inyagano amajana munani na mirongwitatu na babiri, abakūye i Yerusalemu; 30 mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu Nebukadineza ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’ abashibamyi yajanye ab’ inyagano b’Abayuda abantu amajana ndwi na mirongwine na batanu: abantu bose na bose bār’ ibihumbi bine n’amajana atandatu. Ivyāherutse kuri Yehoyakina 31 Maze mu mwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yehoyakina umwami w’i Buyuda ari mu mugozi, mu kwezi kw’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri na gatanu, Evili‐merodaki umwami w’i Babuloni abohora Yehoyakina umwami w’i Buyuda, amukūra mw ibohero: hāri mu mwaka yimyemwo. 32 Amuyāgīsha neza, yubahiriza intebe yiwe kuyirutisha iz’ abandi bami bāri kuri we i Babuloni. 33 Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho. 34 Kandi ku bimutunga, agererwa ivyo kumutunga n’umwami w’i Babuloni vy’intasība, ingaburo y’uko bukeye imisi yose yamaze akiriho, gushitsa ku musi yapfiriye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi