Yeremiya 51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Izindi mbūri zo kuri Babuloni 1 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe nzovyutsa igihuhuta c’umuyaga kigeseza, ngitēze i Babuloni n’ababa i Lebu‐kamayi. 2 Kandi nzorungika i Babuloni abagosozi bazohagosora, kand’ igihugu caho bazogicacura, gisēswe: kuko ku musi w’ivyago bazohakikiza impande zose. 3 Umurashi ntaz’ aruhe afora umuheto wiwe, n’uwambaye ivyuma bimukīngira ntaz’ aruhe yirwanira. Ntimuzigurize imisore yaho; mutotore rwose ingabo zaho zose. 4 Bazokwicwa bahindikirane aho nyene i Bukaludaya, batobekeranirizwe mu nzira zaho. 5 Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli. 6 Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko. 7 Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge. 8 I Babuloni harakomvomvowe giturumbuka, harageseye: muhaborogere; mwābīre umuti wo kuvūra uburibge bgaho, namba kumbure hokira. 9 Twagerageje kuvūra Babuloni, ariko ntihakize: reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo: kukw iteka haciriweko rishitse no kw ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu. 10 Uhoraho yerekanye ukugororoka kwacu; enda ni muze twamamaze i Siyoni igikorwa c’Uhoraho Imana yacu. 11 Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe. 12 Mushinge ibendera mwerekeye inzitiro z’i Babuloni, mugwize abashibamyi, mushireh’ abateramyi, mugere abaja kuhaca ibico: kuk’ Uhoraho yahagīriye imigabo, agashitsa ivyo yavuze ku baba i Babuloni. 13 Ewe uba ku materaniro y’amazi menshi, ukaba mu bihinda vy’ubutunzi, umuhero wawe urashitse, ipfa ryo kudahāga kwawe riraherewe. 14 Uhoraho Nyen’ ingabo yirahiye ubgiwe, ati N’ukuri i wawe nzohuzuza abansi bagutere nk’inzige: bazokureremesherezakw akarūru. 15 Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo: 16 iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’ amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo. 17 Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo. 18 N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa. 19 Arik’ umugabane wa Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kandi Isirayeli ni we muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe. 20 Ni wewe nyundo yanje, n’ ibirwanishwa vyanje: ni wewe nzomenaguza amahanga; ni wewe nzogeseresha abami b’ibihugu; 21 ni wewe nzomenaguza ifarasi n’ūyigenderako; 22 ni wewe nzomenaguza umukogote n’ūwugenderamwo; ni wewe nzomenaguza umugabo n’umugore; ni wewe nzomenaguza umutāma n’umusore; ni wewe nzomenaguza umuhungu n’umukobga; 23 ni wewe nzomenaguza umwungere n’umukuku wiwe; ni wewe nzomenaguza umurimyi n’inka arimisha; ni wewe nzomenaguza abagabisha n’abaganza. 24 Kand’ ab’ i Babuloni, bo n’ababa i Bukaludaya bose, nzobasubiriza mu nkōko ibibi vyabo vyose bākoreye i Siyoni mubona, ni jewe Uhoraho mbivuze. 25 Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera. 26 Ntibazoba bakigukūrako n’ibuye ryo kugumya imfuruka, cank’ ibuye ry’itanguriro; arik’ uzoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira, ni jewe Uhoraho mbivuze. 27 Mushinge ibendera mu gihugu, muvuze inzamba zitabaza mu mahanga, mwiteguze amahanga arwane na ho, mukoranirize hamwe abami b’i Ararati n’i Mini n’i Ashikenazi kuharwanya; mushinge umugabisha wo kuhagomorera; mudūze amafarasi nk’inzige zishinze urwoya. 28 Mwiteguze amahanga kurwana na ho, bo n’abami b’i Bumedi, n’abagabisha baho, n’ abaganza baho bose, n’ibihugu vyose biganzwa na ho. 29 Isi ihinze agashitsi, irasambagirika: kukw imigabo Uhoraho yagīriye i Babuloni igihamye, ngw ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba. 30 Abahizi b’i Babuloni bahevye kurwana, bigungiye mu bihome vyabo, ubutōre bgabo buraheze, bacitse bga bagore: amazu yaho yanzwe umuriro; ibihindizo vyaho biravunaguritse. 31 Intabaza imwe izohūra n’iyindi, n’intumwa imwe ihūre n’iyindi, ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yukw igisagara ciwe gitsinzwe impande zose: 32 kandi ko bazitiye ivyambu giturumbuka, baturiye n’ urufunzo, kandi kw abahizi bacitse ivutu. 33 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako. 34 Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaramfyonderanije, arandotsa, angira urwavya rusigaye ubusa, yaranyongobeje nk’igisato c’amahēro, yagemereje inda yiwe ivyar’ ivyiza vyanje; yaranyirukanye. 35 Ivyo nagiriwe nabi bikaba no ku mubiri wanje ni bisubire kuri Babuloni, ni k’ ūzoba ar’ i Siyoni azovuga; amaraso yanje arakora ababa i Bukaludaya, ni ko Yerusalemu hazovuga. 36 None rero, uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Ehe nzokwitsa mu manza zawe, ndaguhōre; nzokamya ikiyaga caho, n’isōko yaho nzoyimīmūra. 37 Kand’ i Babuloni hazocika ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge, n’akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa, ata wukihaba. 38 Bazokwivuga nk’imigunza y’intambge bose icarimwe, bagwangware nk’ ivyana vy’intambge. 39 Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze. 40 Nzobamanukana nk’ imyagazi y’intama ija kubāgwa, nk’amapfizi y’intama n’ay’ impene. 41 Ewe kuntu i Sheshaki hatsinzwe! Ahār’ ibihimbaro vy’isi yose ukuntu hazirimukiwe! Ewe kuntu i Babuloni hahindutse ibitongozi hagati mu yandi mahanga! 42 Ikiyaga kiradūze kīziye i Babuloni: harengewe n’isinzi ry’ imipfunda yaco. 43 Ibisagara vyaho bihindutse ibitongozi, igihugu cumye c’ubugaragwa, igihugu ata muntu akikibamwo, ata n’umuntu akigihitamwo. 44 Kandi nzohanira ca kigirwamana Beli i Babuloni, nzokijiginyura mu menyo ivyo catsontsomeye; kand’ amahanga ntazosubira gusendanisha aja kuri co: mber’ uruzitiro rw’i Babuloni ruzotemba. 45 Yemwe bantu banje, ni muve hagati muri ho, mwikize mwese uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho. 46 Imitima yanyu ntidendebukirwe, ntimuterwe ubgoba n’impuha zumvikana mu gihugu; kukw impuha zizoza mu mwaka umwe, maze mu wundi mwaka hakaza izindi, umuryano ukaba mu gihugu, abaganza bakarwanya abandi. 47 Nuko rero, rāba imisi igira ize, nzohana ibishushanyo bibājwe vy’i Babuloni, igihugu caho cose kizotētērwa; abishwe baho bose bazohindikirana hagati muri ho. 48 Ni ho ijuru n’isi n’ibirimwo vyose bizoririmbishwa n’umunezero wo kwitamba kuri Babuloni; kukw abanyazi bazohāzira bavuye i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze. 49 Nk’uko Babuloni hāhindikiranije abishwe b’Abisirayeli, ni kw i Babuloni hazohindikirana abishwe b’igihugu caho. 50 Yemwe abakize inkota, mugende, ntimuhagarare; munyibuke, jewe Uhoraho, mukiri kure, i Yerusalemu hagaruke mu mitima yanyu. 51 Turatēterewe, kuko twumvise ibitutsi; mu maso hacu haje ibimāramāre: kukw abanyamahanga binjiye mu myanya yera yo mu ngoro y’Uhoraho. 52 Nuko rero, rāba imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzohana ibishushanyo bibājwe vyaho; kandi mu gihugu caho cose abakomeretse bazocura umuniho. 53 Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze. 54 Ijwi ry’amarūru riturutse i Babuloni, n’iry’ ukugesera gukomeye riturutse mu gihugu c’Abakaludaya! 55 Kuk’ Uhoraho ahoneje i Babuloni, ajibije amajwi yaho ahūrīra; kukw imipfunda y’abanyazi ibomborana nk’amazi menshi, urwamo rw’ijwi ryabo rwumvikana; 56 mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra. 57 Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo. 58 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Inzitiro zagutse z’i Babuloni zizosangangurwa rwose, n’amarembo yaho maremare atongozwe umuriro; kand’ amahanga azoba yar’ atamijwe n’ubusa, n’amoko azoba yar’ aruhijwe n’ibizoja mu muriro. Seraya ajana ayo majambo y’imbūri zo kuri Babuloni kuyasomerayo 59 Ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yageze Seraya mwene Neriya, Neriya wa Mahaseya, igihe yajana na Zedekiya umwami w’i Buyuda, aja i Babuloni, mu mwaka ugira kane wo kuba ku ngoma kwiwe. Kandi Seraya yar’ umukuru w’abagaranzurira umwami. 60 Nuko Yeremiya yari yanditse mu gitabo ivyago vyose bizotera i Babuloni, ni vyo ayo majambo yose yanditswe avuga ivya Babuloni. 61 Maze Yeremiya abarira Seraya, ati Ni washika i Babuloni, ntubure gusoma aya majambo yose, 62 kand’ ut’ Ewe Uhoraho, wavuze ku vy’aha hantu k’uzohahonnya, ngo ntihaze hagire ūzoba akihaba, ar’ umuntu cank’ igitungwa, ariko ko hazoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira. 63 Urangije rero gusoma iki gitabo, uz’ uheze ugihambirane n’ibuye, ugiterere hagati mu ruzi Efurate: 64 kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi