Yeremiya 49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri zo kuri Amoni 1 Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho? 2 None rero, ehe rāba imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, nzokwumvikanisha akarūru k’intambara i Raba h’Abamoni; kandi hazohinduka ibirundo vy’amasakamburira, n’ abakobga baho bazoyigizwa n’ umuriro: ni ho Isirayeli azokwiguranura, akegukira abāmwegukiye, ni k’Uhoraho agize. 3 Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco. 4 N’iki gitumye wirata imyonga? Umwonga wawe uratwarwa, ewe mukobga usubiye inyuma, wishimiye ubutunzi bgawe, uti Ni nde azonshikīra? 5 Ehe nzogushitsakw ibiteye ubgoba, ni k’Umwami agize, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, biturutse mu bagukikije bose; muzokwirukanwa, umuntu wese atūmūke, kandi ntihazoboneka uwo gukoraniriza hamwe abazimiye. 6 Ariko hanyuma nzotuma Abamoni bahindukira bave mu kinyago, ni k’Uhoraho agize. Imbūri zo kuri Edomu 7 Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye? 8 Muhunge, musubire inyuma, muje kuba ahigobetse, yemwe ababa i Dedani; kuko nzoshitsa ivyago kuri Esau, mu gihe nzomūzira. 9 Abamura inzabibu bogushikako, mbega hari n’uduhumbga tw’ inzabibu bogusigariza? Cank’ ibisuma vyogutahako mw ijoro ntivyokwoza uko bishaka? 10 Ni ko nanje Esau namusize amēnya, natwikuruye ahinyegeje hiwe ngo ntāshobore kwinyegeza: uruvyaro rwiwe n’abo bavukana n’ababanyi biwe barageseye, na we ubgiwe ntakiriho. 11 Siga abana bawe b’ impfuvyi, nzobazigama mbabesheho; abapfakazi bawe ni banyizigire. 12 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Abāri batabereye kunywa kur’ ico gikombe ko batazobura kukinywa, none weho uzogenda udahanwe na gatoya? Eka ntuzogenda udahanwe, arik’ uzonywa nta kabuza. 13 Kuko nirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw i Bosira hazohinduka akajoreza n’igitutsi n’ ibitongozi n’ikivume; kand’ ibisagara vyaho vyose bizoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira. 14 Numvise inkuru zivuye k’ Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Mwikoranye muhatere, muhaguruke muje mu ntambara. 15 Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu. 16 Gutera ubgoba kwawe n’ubgibone bgo mu mutima wawe vyaraguhenze, wewe uba mu bihoro vyo mu bitandara, wihase ku mpinga y’ umusozi: naho wokwārika icāri cawe hejuru iyo bigwa nk’inkukuma, nzokumanura ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize. 17 Kandi Edomu hazohinduka akajoreza: ūzohaca wese azojorerwa, azovuza agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose. 18 Nk’ukw i Sodomu n’i Gomora vyabaye, igihe hākomvomvorwa, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize. 19 Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje? 20 Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba. 21 Isi ihindishwa agashitsi no kwumva ugusenyerana kwabo; amarūru yabo yumvikana gushitsa ku Kiyaga Gitukura. 22 Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise. Imbūri zo kuri Damasiko 23 Ivy’ i Damasiko. I Hamati haratēterewe, bo n’i Arupadi; kuko humvise inkuru mbi, harashonga: ku kiyaga hahagaritse umutima, ntihashobora gutēkāna. 24 I Damasiko haradendebukiwe, harakimiranye ngo hiruke, hafashwe n’agatengo: uburibge n’ umubabaro vyahafashe nk’umugore aramutswe. 25 Mbega n’ iki catumye igisagara c’ishimwe kitāzigurijwe, ca gisagara cannezereza? 26 Ni co gitumye imisore yaho izohindikirana mu nzira zaho, n’abahizi bose bazozibizwa kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze. 27 Nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Damasiko, kand’ uzotongora ingoro za Beni‐hadadi. Imbūri zo kuri Kedari n’i Hazori 28 Ivy’ i Kedari, n’ivy’ ibihugu vy’abami b’i Hazori, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yahavuye atsinda. Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muhaguruke mudūge i Kedari, munyage abantu b’i burasirazuba. 29 Bazonyaga amahema yabo n’ imikuku yabo, bazokwinyagira impuzu z’imikingo yabo n’ivy’ imbombovu vyabo vyose n’ingamiya zabo: kandi bazobabarira basemerera, bati Har’ ibiteye ubgoba irya n’ino. 30 Muhunge, mukwiragire kure, muje kuba ahigobetse, yemwe ababa i Hazori, ni k’Uhoraho agize; kuko Nebukadineza umwami w’i Babuloni yabahigiye imihigo, yarunduye imigabo y’ivy’ azobagirira. 31 Ni muhaguruke mudūge, muje kw ihanga ryidibamiye, ryibereye aho ata co ryinona, ritagira imyugariro cank’ ibihindizo, ryibera aho ukwaryo, ni k’Uhoraho agize. 32 Ingamiya zabo zizoba iminyago, n’isinzi ry’ibitungwa vyabo rizoba inyagano: kandi nzoshwiragiriza mu birēre vyose abīca amasoso; nzobazanakw ivyago biturutse impande zose, ni jewe Uhoraho mbivuze. 33 Kand’ i Hazori hazoba i wabo w’imbgebge, n’ibitongozi vy’ibihe bidashira: nta muntu azobayo, cank’ umwana w’umuntu azoba akihaba. Imbūri zo kuri Elamu 34 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya uwavugishwa na we, ku vya Elamu, igihe Zedekiya umwami w’i Buyuda yar’ agiye ku ngoma, 35 rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzovuna umuheto w’i Elamu, ni wo binunu vy’ubuhizi bgaho. 36 Kandi nzohuruza kuri Elamu imiyaga ine iturutse ku mpande zine z’ijuru, mbashwiragirize mur’ ivyo birēre vyose; abirukanywe b’i Elamu nta hanga batazoshikamwo. 37 Nzotera Abelamu agatengo imbere y’abansi babo, n’imbere y’abarondera kubica: kandi nzobazanakw ivyago, ni vyo burake bganje bg’inkazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzorungika inkota ibakurikirane, gushitsa mbamaze. 38 Nzoshinga intebe yanje y’ubgami i Elamu, kandi nzohagesereza umwami n’ abaganwa baho, ni jewe Uhoraho mbivuze. 39 Yamara mu misi yo hanyuma nzotuma Abelamu bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi