Yeremiya 46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri zo kuri Egiputa 1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya uwavugishwa na we ku vy’amahanga. 2 Ku vya Egiputa: amajambo yo ku vy’ingabo za Farawo‐Neko umwami wa Egiputa, zari ku nkengera y’uruzi Efurate i Karukemeshi, izo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yanesheje mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma. 3 Mutegure inkinzo nto‐nto na nini‐nini, mutonde urugamba murwane. 4 Mushire amatandiko ku mafarasi, muheze mwūrire, mwebge abayagenderako, mutonde mwambaye inkofero z’ivyuma; murtyorore amacumu, mwambare ivyuma vyo gukīngira imibiri. 5 N’iki gitumye bacika ivutu bagakimirana? Abahizi babo batsinzwe hasi, barahunga baratemesha, batarinze no gukebuka: haba ibibateye ubgoba irya n’ino, ni k’Uhoraho agize. 6 Ntihagira impayamaguru icīka, cank’ umuhizi ngo hagire uwikiza; i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate ni ho batsitaye baratemba. 7 Uyu ni nde asendanisha nka Nili, amazi yiwe agatera imipfunda nk’inzūzi? 8 Ni Egiputa hasendanisha nka Nili, n’amazi yaho atera imipfunda nk’inzūzi: havuga, hati Hinge nsendanishe, ndenge isi yose; nze ngeseze ibisagara n’ ababibamwo. 9 Mudūge, mwa mafarasi, mugende akabushungwe, mwa mikogote! Abahizi ni barumikeko, ni bo Banyetiyopiya n’ Abaputi batwara inkinzo, n’Abaludimu batwara imiheto bazi kuyifora. 10 Kuk’ uwo musi ar’ uw’ Umwami, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, ar’ umusi wo kwīhōrako, kugira ngo yīhōre abarwanizi biwe: inkota izorya ihāge, izonywa amaraso yabo ihīmbe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, acumitira ibimazi mu gihugu c’i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate. 11 Dūga upfe kwizenza i Gileyadi, wābīrey’ umuti, wewe mukobga w’inkumi ari we Egiputa: nta kimazi kunywa imiti myinshi: nta wo kuzogukiza uriho. 12 Amahanga yumvise ibitētērwa vyawe, isi yuzuye amaborogo yawe: kuk’ umuhizi atsitaye ku wundi, bompi bagatemba hamwe. 13 Ijambo Uhoraho yabariye Yeremiya ūvugishwa na we, ry’ ingene Nebukadineza umwami w’i Babuloni azoza gutera igihugu ca Egiputa. 14 Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije. 15 N’iki gituma abahizi bawe bahunga? Ntibāshinze ikirenge, kuk’ Uhoraho yabirukanye. 16 Yatumye benshi batsitara, mbere bātsitaranyeko: bati Ngo tuvyuke twisubirire mu b’i wacu, no mu gihugu twavukiyemwo, duhunge inkota iririka. 17 Aho hantu ni ho basemerereye, bati Farawo umwami wa Egiputa n’ukureremesha akarūru gusa! Yazangazanze mu gihe cashinzwe. 18 Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze. 19 Ewe wa mukobga wibereye muri Egiputa, witegure kujanwa kw inyagano; kukw i Nofu hazohinduka amatongo, hazotongorwa, hasigare ata wukihaba. 20 Egiputa n’inka y’iriza iteye igomwe rwose; ariko haje ikibugu kivuye i burārūko, kirashitse. 21 Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo. 22 Akariri kabo kazokwumvikana nk’ ugukakamba kw’inzoka; kuko bazobāzira bari n’ingabo, babatere bari n’amacabiti, nk’abaje kwicira ibiti. 23 Bazokwicira ikibira caho, ni k’Uhoraho agize, naho kizitanye gite; kuko barusha inzige ubginshi, kandi badaharūrika. 24 Umukobga, ni we Egiputa, azokorwa n’isoni; azotangwa mu maboko y’abantu b’i burārūko. 25 Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira. 26 Nzobatanga mu maboko y’abashaka kubica, no mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’ abasavyi biwe; ariko hanyuma y’ivyo muri Egiputa hazosubira kubamw’ abantu, nk’uko hamye mu misi ya kera, ni jewe Uhoraho mbivuze. 27 Ariko weho ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azokwibera amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba. 28 Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi