Yeremiya 45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya atumwa kuremesha Baruki 1 Ijambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yabariye Baruki mwene Neriya, igihe yandika ya majambo mu gitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’Abayuda ari ku ngoma, 2 at’ Uku ni k’Uhoraho akubariye, ni we Mana y’Abisirayeli, wewe Baruki: 3 ati Wavuze, uti Mbonye ibara, kuk’ Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko. 4 Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose. 5 Ngo Mbega nawe wironderera ubukuru? Ntuburondere. Kuko rāba, ngw Azozana ivyago ku bafise umubiri bose, ni k’Uhoraho agize; ariko weho ngw Azoguha gukirira ah’ uzoba ugiye hose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi