Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana ihambarira Abayuda bahungiye muri Egiputa

1 Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’ Abayuda bose bāba mu gihugu ca Egiputa, bāba i Migidoli, n’i Tahapanesi ni Nofu no mu ntāra y’i Patirosi,

2 rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;

3 kubg’ ivyaha vyabo bākoze ngo banshavuze, kuko boshereje imibavu izindi mana bakazisaba, izo batigeze bamenya, bo ubgabo, canke mwebge, canke ba sogokuruza banyu.

4 Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.

5 Ariko na ho nyene ntibāvyumva, canke ngo batege ugutwi kwabo, ngo bahindukire bareke ibibi vyabo, ntibosereze imibavu izindi mana.

6 Ni co catumye ubushangashirwe bganje n’uburake bganje bisukwa bikadomekwa mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu; none har’ imisaka n’amatongo, nk’uko bir’ uyu musi.

7 Nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ati N’iki gituma mukora ikibi kingana girtyo, mugacumurira ubugingo bganyu, mukamarisha mu Bayuda umugabo n’umugore, umwana n’ uwonka, ntimugire ico musigaza?

8 Kandi n’iki gituma mundakisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mu kwosereza imibavu izindi mana mu gihugu ca Egiputa, aho mwaroye kuba, bikabakwegera guherengetezwa, mugahinduka ibivume n’iciro ry’imigani mu mahanga yose yo mw isi?

9 Mbega mwibagiye ivyaha vya ba sogokuruza banyu, n’ivyaha vy’abami b’i Buyuda, n’ivyaha vy’abamikazi babo, n’ivyaha vyanyu ubganyu, n’ivyaha vy’abagore banyu, ivyo bākoreye mu gihugu c’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu?

10 Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.

11 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.

12 Kandi nzofata amasigarira y’i Buyuda, aberekeje amaso kuja mu gihugu ca Egiputa ngo babeyo, bazotikizwa bose; kandi mur’ ico gihugu ca Egiputa nyene ni yo bazogwa. Bazoririkwa n’inkota n’inzara; kandi bazopfa, uhereye ku woroshe ugashitsa k’ūhambaye, bishwe n’ inkota n’inzara; kandi bazoba igitutsi n’akajoreza n’ibivume n’ iciro ry’imigani.

13 Kuko nzohana ababa mu gihugu ca Egiputa nk’uko nahannye i Yerusalemu, mbahanishe inkota n’inzara n’ikīza,

14 ngo mu masigarira y’i Buyuda, abāgiye mu gihugu ca Egiputa kubayo, hoye kugira ūzocika cank’ ūzosigara bagasubira mu gihugu c’i Buyuda, aho bifuza kuzosubira kubayo: kukw ata wuzosubirayo atar’ abazocika.

15 Maz’ abagabo bose bāri bazi yukw abagore babo bosereza imibavu izindi mana, bo n’abagore bose bahagararanye aho, ar’ ishengero rinini, ni bo bantu bose bagiye kuba mu gihugu ca Egiputa i Patirosi, bishura Yeremiya,

16 bati Ku vy’ijambo utubariye mw izina ry’Uhoraho ntitukwumvira.

17 Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.

18 Arik’ uhereye igihe twarekeye kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire, ni ho twaciye duhīndāna, tukamarwa n’inkota n’inzara.

19 Kandi hamwe twosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tukamusukira ibiturire, ugira ngo twamucumbiye imitsima y’ibiterekerwa tumusukira n’ibiturire, abagabo bacu batabizi?

20 Maze Yeremiya abarira abantu bose, abagabo n’abagore, ni bo abo bose bāmwishuye bartyo,

21 at’ Imibavu mwoshereje mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, mwe na ba sogokuruza n’abami banyu n’abaganwa banyu n’abantu bo mu gihugu, mbeg’ Uhoraho ntiyayibutse, ntivyinjiye mu mutima wiwe?

22 Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.

23 Ko mwosheje imibavu, mugacumura k’Uhoraho, ntimwumvire Uhoraho, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe, no mu vyo yashinze no mu vyo yihanikirije, ivyo ni vyo vyatumye ibi vyago bibashikako, nk’uko bimeze n’uyu musi.

24 Vyongeye Yeremiya abarira abantu bose, n’abo bagore bose, ati Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese Abayuda muri mu gihugu ca Egiputa:

25 uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwebge n’abagore banyu mwavugishije akanwa kanyu, mubishikisha amaboko yanyu, muti Ntituzobura gushitsa amasezerano twasezeranye yo kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire: enda rero ni mukomeze amasezerano yanyu! Enda ayo masezerano yanyu muyashitse!

26 Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese Abayuda muri mu gihugu ca Egiputa: at’ Ehe rāba, ndahiye izina ryanje rihambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw izina ryanje ritazosubira kuvugwa n’akanwa k’umuntu n’umwe wo mu Bayuda bari mu gihugu cose ca Egiputa, ngo bavuge bati Nk’ uk’ Umwami Uhoraho ahoraho.

27 Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.

28 Kand’ abazokira inkota bagasubira mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu gihugu ca Egiputa, bazoba ar’ imparūrwa; kand’ amasigarira yose y’i Buyuda, abāgiye mu gihugu ca Egiputa kubayo, bazomenya ijambo rihamye iry’ ari ryo, kw ar’ iryanje cank’ iryabo.

29 Kand’ iki ni co kimenyamenya canyu, ni jewe Uhoraho mbivuze, kizobamenyesha yuko nzobahanira aha hantu, ngo mumenye yukw amajambo yanje atazobura guhama ngw abazanire ivyago:

30 uku ni ko ngize, jewe Uhoraho, nti Nzotanga Farawo‐Hofura umwami wa Egiputa mu maboko y’abansi biwe, no mu maboko y’abarondera kumwica, nk’uko natanze Zedekiya umwami w’i Buyuda mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni umwansi wiwe, yarondera kumwica.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan