Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;

2 kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.

3 Uku ni k’Uhoraho abarira abagabo b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ati Ni mumene imishike yanyu, mureke kubiba mu mahwa.

4 Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.

5 Musemererere i Buyuda, mwamamaze i Yerusalemu, muti Mutabarishe inzamba mu gihugu, musemereze ijwi rirenga, muti Ni mwēgerane, duhungire mu bisagara vyubakiwe inzitiro.

6 Mushinge ibendera aherekeye i Siyoni: muhunge mwikize, ntimutebagane: kukw ehe rāba, nzanye ivyago biturutse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.

7 Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.

8 Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.

9 Maze kur’ uwo musi, umutima w’umwami uzoranduka, n’imitima y’abaganwa, ni jewe Uhoraho mbivuze; kand’ abaherezi bazokwumirwa, ba kamenyi batangare.

10 Maze ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Mbega ko wahenze rwose ubu bgoko n’i Yerusalemu, wavuze ngo Muzoba amahoro: kandi non’ inkota ikaba igeramiye amagara yabo!

11 Ico gihe hazobarirwa ubu bgoko n’i Yerusalemu, ng’ Umuyaga w’indugumba uturutse mu ruharabuga rwo ku mpinga z’imisozi yo mu bugaragwa uje utōmereye wa mukobga, ari bo bantu banje, kandi ntuzoba nk’uwo gutumura umuguruka cank’ uwo kugosora intete;

12 arik’ umuyaga uruta ben’ uyo uzovayo ari jewe ndawugomoye: mur’ aka kanya ngira mbacirekw amateka.

13 Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!

14 Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?

15 Kuko humvikana ubutumwa buturutse i Dani, kandi buturutse no mu misozi ya Efurayimu bubūra ivyago,

16 buti Mubarire amahanga, mubūrire Yerusalemu, yukw abaje gutega ibico bariko baraza, bavuye mu gihugu ca kure, bīrahira ibisagara vy’i Buyuda n’amajwi arenga.

17 Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.

18 Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.

19 Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!

20 Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.

21 Nzogeza ryari kubona ibendera, no kwumva ijwi ry’inzamba?

22 Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.

23 Nararāvye, mbona isi, nsanga ar’ imisaka irik’ ubusa gusa; n’ijuru n’uko, ata n’umuco rigira.

24 Nararāvye, mbona imisozi, nsanga ihinda agashitsi, n’uturambi twose n’uko, turi mu gatengo.

25 Nararāvye, nsanga ata muntu n’umwe ariho, n’inyoni zose zo mu kirēre zarahunze.

26 Nararāvye, nsanga itongo ryamera rihindutse ubugaragwa, n’ibisagara vyaho vyose bisangangukiye imbere y’Uhoraho, n’imbere y’uburake bgiwe bg’inkazi.

27 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.

28 Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.

29 Abo mu bisagara vyose bahungishijwe n’urwamo rw’abagendera ku mafarasi n’urw’ abanyamiheto; banyegera mu bisaka, būrira ku bitandara hejuru: igisagara cose gisigara ar’ umurara ata n’umwe akihaba.

30 None weho, ni wanyagwa, uzogira ute? Naho wokwambara impuzu zisa n’agahama, ukīsakara utugenegene tw’izahabu, ukīraba amarangi mu maso, uzoba washarije ubusa: abūzure bawe baragukēngēra, barondera ingene bokwica.

31 Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan