Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yehoyakimu aturira igitabo c’ivyo Yeremiya yavugishijwe

1 Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, haza iri jambo kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho,

2 rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.

3 Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.

4 Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya; maze Baruki yandika amajambo yose y’ Uhoraho mu muzingo w’igitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, ukw ayamubgiye.

5 Nuko Yeremiya abarira Baruki, ati Jewe ndabujijwe kuja mu ngoro y’ Uhoraho:

6 nuko rero wewe genda usome mur’ uwo muzingo amajambo y’Uhoraho wanditse ukūye mu kanwa kanje, uyasomere abantu mu ngoro y’Uhoraho ku musi wo kwisonzesha: uyasomere n’Abayuda bose baza bavuye mu bisagara vyabo.

7 Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.

8 Nuko Baruki mwene Neriya akora vyose nk’uk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya yamubariye, asoma mur’ ico gitabo amajambo y’Uhoraho ahagaze mu ngoro y’Uhoraho.

9 Maze mu mwaka ugira gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icenda, abantu bose b’i Yerusalemu n’abantu bose bavuye mu bisagara vy’i Buyuda baja i Yerusalemu, bashinga umusi wo kwisonzeshereza imbere y’Uhoraho.

10 Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.

11 Maze Mikaya mwene Gemariya, Gemariya wa Shafani, yumvise mur’ ico gitabo amajambo yose y’Uhoraho,

12 aramanuka aja mu ngoro y’umwami, ashika mu cumba c’umukarani: ahasanga abaganwa bose bicaye, ni bo aba: Elishama umukarani, na Delaya mwene Shemaya, na Elunatani mwene Akabori, na Gemariya mwene Shafani, na Zedekiya mwene Hananiya, n’ abandi baganwa bose.

13 Nuko Mikaya abatondera amajambo yose yumvise, igihe Baruki yasomera abantu ico gitabo.

14 Nukw abo baganwa bose batuma Yehudi mwene Netaniya, Netaniya wa Shelemiya, Shelemiya wa Kushi, kuri Baruki, bat’ Abīra uwo muzingo w’igitabo wasomeye abantu, uwuzane. Nuko Baruki mwene Neriya yābīra uwo muzingo, aja iyo bari.

15 Baramubgira, bat’ Enda icara, uwudusomere. Nuko Baruki arawubasomera.

16 Nuko bumvise amajambo yose, beraguzanya bafise ubgoba, babarira Baruki, bati Ntitwobura kubarira umwami ayo majambo yose.

17 Babaza Baruki, bati Tubarire, mbeg’ ayo majambo yose wayanditse ute? Wayakūye mu kanwa kiwe?

18 Nuko Baruki arabishura, ati Yambarira ayo majambo yose n’ akanwa kiwe, nanje nkayandikisha wino mur’ iki gitabo.

19 Maz’ abo baganwa babarira Baruki, bati Genda winyegeze, mwe na Yeremiya; ntihagire umuntu n’ umwe amenya aho muri.

20 Baja ah’ umwami ari mw irebe, basize uwo muzingo mu cumba ca Elishama umukarani; umwami bamudondera ayo majambo yose.

21 Nuk’ umwami atuma Yehudi kuzana uwo muzingo: awuzana awukūye mu cumba ca Elishama umukarani. Nuko Yehudi awusomera umwami n’abaganwa bose bāri bahagaze i ruhande yiwe.

22 Kand’ umwami yar’ avyagiye mu ngoro yabamwo mu gihe c’ imbeho; hāri mu kwezi kw’icenda. Imbere yiwe hār’ umuriro mu coto.

23 Nuko Yehudi amaze gusoma impapuro zitatu canke zine, umwami awucagaguza imbugita, awuterera mu muriro wari mu coto, gushitsa ah’ umuzingo wose watemukiye mu muriro wo mu coto.

24 Kandi nta bgoba bāgira, ngo bitantamurireko n’impuzu zabo, ar’ umwami canke n’umwe wo mu basavyi biwe bumvise ayo majambo yose.

25 Yamara Elunatani na Delaya na Gemariya bari binginze umwami ngo ntaturire uwo muzingo: yanka kubumva.

26 Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.

27 Hanyuma ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya, umwami amaze guturira wa muzingo warimwo ya majambo Baruki yari yanditse, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya,

28 riti Subira wābīre uwundi muzingo, uwandikemw’ amajambo yose nk’aya mbere yari mu muzingo wa mbere, uwo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye.

29 Kandi ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Waturiye uwo muzingo, uvuga ngo N’iki kiwukwandikishije ut’ Umwami w’i Babuloni ntazobura kuza ngw ahonnye iki gihugu, akimaremw’ abantu n’ibitungwa?

30 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, ati Ntazokwigera agira n’umwe wo gusubira ku ngoma ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze ng’ ube mu ndugumba yo ku murango no mu gikonyozi co mw ijoro.

31 Kandi nzomuhanana n’uruvyaro rwiwe n’abasavyi biwe, mbahōye ukugabitanya kwabo; nshitse kuri bo, bo n’ababa i Yerusalemu n’abagabo b’i Buyuda, ivyago vyose nabageneye, kuko banse kwumva.

32 Nuko Yeremiya yābīra uwundi muzingo, awuha Baruki umukarani mwene Neriya, awandikamw’ amajambo yose ayakūra mu kanwa ka Yeremiya, yari muri ca gitabo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye: kandi hongerwakw ayandi majambo menshi asa na yo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan