Yeremiya 30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya avugishwa ivyo kuzogarukanwa kw’ Abisirayeli 1 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, 2 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Wandike mu gitabo amajambo yose nakubariye. 3 Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire. 4 Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze ku Bisirayeli n’Abayuda: 5 at’ Uku ni ko mbivuze, jewe Uhoraho, nti Twumvise ijwi ry’ abari mu gatengo no mu bgoba, atar’ iry’ abari mu mahoro. 6 Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira? 7 Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa. 8 Maze kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze, nzovuna ingōgo bambitswe, ndayikūre kw izosi ryabo, ncagagure imvuto baboheshejwe; kandi ntibazoba bakijakarira amahanga: 9 ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza. 10 None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba. 11 Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye. 12 Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Igikomere cawe ntikivūrika, n’igisebe cawe n’ ikigoye. 13 Nta wo kukwitsa ariho, kugira ng’ upfukwe igikomere: nta n’imiti ufise yo kukuvūra. 14 Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije. 15 Non’ igikomere cawe kikuririza iki? K’uburibge bgawe butavūrika; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije, ivyo ni vyo vyatumye nkugira ntyo. 16 Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano. 17 Ariko nzosubira kugukomeza, nzogukiza ibikomere vyawe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko bakwise uwirukanywe, bati Ni Siyoni, hatagifise ūkihababara. 18 Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora. 19 Muri vyo hazoba gushima, n’ijwi ry’abanezerewe: kandi nzobagwiza, ntibazoba bake; nzobaha icubahiro, ntibazoba abo hasi. 20 Abana babo bazomera nk’uko bār’ ubga mbere, kand’ ikoraniro ryabo rizokomezwa imbere yanje, nanje nzohana abābahahaza bose. 21 Umwami wabo azoba uwo muri bo bgite, ūbaganza akomoke hagati muri bo: nanje nzomwiyegereza, kand’ azonshikīra: kuko ni nde yohangara kunshikīra? ni jewe Uhoraho mbibajije. 22 Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu. 23 Rāba ikirura c’Uhoraho, ni bgo burake bgiwe, kirahinze, mbere n’ikirura c’inkubebe: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha. 24 Uburake bg’inkazi bg’Uhoraho ntibuzohwama kugeza ah’ azoba ashikije ivyo umutima wiwe wagabiye, abiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi