Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingen’ Abayuda bābenze Imana bakabenguka ibigirwamana

1 Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.

2 Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe.

3 Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.

4 Mbe ntiwoca uhēra ubu ukantakambira, uti Muvyeyi wanje, ni wewe wandōngōra mu buto bganje?

5 uti Mbeg’ uzohorana uburake imisi yose? Uzobgamana gushitsa kw iherezo? Mbega si wewe wavuze ibintu bibi, ugatak’ ukabikora, ukīgira uk’ ugomba?

6 Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.

7 Amaze gukora ivyo vyose, naravuze, nt’ Azongarukako; maze ntiyagaruka; kandi mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi arabibona.

8 Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.

9 Maz’ igihugu gica cononekara, kuko Isirayeli yabaye vyenywe mu busambanyi bgiwe, agasambana n’amabuye n’ibigegene.

10 Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.

11 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Isirayeli Inamusubiranyuma yiyerekanye kw ar’ umunyakuri kuruta Yuda Inamuryarukanyi.


Uhoraho yinginga Isirayeli ngo yihane

12 Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.

13 Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.

14 Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;

15 mbahe abungere bameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, bazobaragirana ubgenge no gutahura.

16 Maze mur’ iyo misi, ni mwamara kugwira no kurondoka mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntibazoba bakivuga isandugu y’isezerano ryanje, jewe Uhoraho, kandi ntibazoba bakiyiyumvira canke ngo bayibuke; ntibazoba bakiyikumbura, canke ngo babe bagisubira kubāza iyindi.

17 Ico gihe bazokwita Yerusalemu intebe y’ubgami bganje, jewe Uhoraho, kand’ amahanga yose azokoranirizwa i Yerusalemu mw izina ryanje, jewe Uhoraho: ntibazoba bakigendera ukundi mu budadarare bg’imitima yabo mibi.

18 Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.

19 Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.

20 Ariko nk’uk’ umugore aryāruka umugabo wiwe akamuta, uko ni ko namwe mwandyārutse, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze.

21 Ijwi rirumvikanira ku mpinga mu ruharabuga, ry’ukurira no kwinginga kw’Abisirayeli, kuko bāgoretse inzira yabo, bakanyibagira jewe Uhoraho Imana yabo.

22 Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.

23 N’ukuri kwishimira ugutabarwa kuva ku misozi n’ukw’ ubusa, bo n’akarūru ko ku misozi miremire: n’ukuri Uhoraho Imana yacu muri we ni ho har’ agakiza k’Abisirayeli.

24 Arik’ uhereye no mu buto bgacu, ivy’ akamāramāza ni vyo vyāmaze ivyāvuye mu butame bga ba sogokuruza; vyāmaze imikuku yabo n’amasho yabo, n’abahungu babo n’abakobga babo.

25 Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan