Yeremiya 28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Hananiya avuga ibinyoma mw izina ry’Uhoraho, bimuzanira urupfu 1 Maze mur’ uyo mwaka nyene, mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Zedekiya, umwami w’i Buyuda, ni wo mwaka wa kane, mu kwezi kwa gatanu, Hananiya mwene Azuri, kamenyi w’i Gibeyoni, ambaririra mu ngoro y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abantu bose, 2 at’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mvunnye ingōgo mwambitswe n’ umwami w’i Babuloni. 3 Hasigaye imyaka ibiri yiramvuriye nkagarukana aha hantu ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho vyose, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yasahuye aha hantu, akabijana i Babuloni; 4 kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni. 5 Maze Yeremiya ūvugishwa n’Imana yishurira Hananiya kamenyi imbere y’abaherezi n’imbere y’abantu bose bāri bahagaze mu ngoro y’Uhoraho; 6 Yeremiya ūvugishwa n’Imana aravuga, at’ Amen! Uhoraho n’ akore nk’uko! Uhoraho n’ashitse amajambo yawe uvugishijwe, agarukane ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho, n’abo bose bānyazwe, abakūre i Babuloni abazane aha hantu! 7 Yamara rero ni wumve iri jambo mvugira mu matwi yawe, no mu matwi y’abantu bose: 8 Abavugishwa n’Imana ba kera bānyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe, bāvugishijwe ivy’ intambara n’ivy’ ivyago n’ivy’ ikīza bizotera ibihugu vyinshi n’ibihugu vy’ abami bahambaye. 9 Ūvugishwa akavuga ivy’ amahoro, ijambo ry’ uwo muvugishwa ni ryashika, ni ho uyo muvugishwa azomenyekana yuk’ Uhoraho yamutumye koko. 10 Maze Hananiya uwo kamenyi akūra iyo ngōgo mw izosi ry’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, arayivuna. 11 Hananiya avugira imbere y’abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Imyaka ibiri yiramvuriye itarashira, uko ni ko nzovuna ingōgo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yambitse ku mazosi y’amahanga yose. Nuko Yeremiya uwo muvugishwa aca arīgīra. 12 Maz’ ijambo ry’ Uhoraho riza kur’ uwo muvugishwa Yeremiya, Hananiya kamenyi amaze kuvuna iyo ngōgo yari kw izosi ryiwe, 13 riti Genda ubarire Hananiya, ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Uvunnye ingōgo z’ibiti, arik’ ushubije iz’ ivyuma mu gishingo cazo. 14 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo. 15 Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma. 16 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba ndagukūye kw isi: uyu mwaka urawupfamwo, kuko wavuze ivyo kungarariza jewe Uhoraho. 17 Nuko Hananiya kamenyi apfa mur’ uyo mwaka nyene mu kwezi kw’indwi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi