Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yeremiya ahanūra abantu ngo bemere kuganzwa n’umwami w’i Babuloni

1 Mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’Abayuda, haza iri jambo kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho,

2 riti Rondera imvuto n’ingōgo, bimwe uvyiyambike mw izosi,

3 ibindi ubirungikire umwami w’i Edomu, n’umwami w’i Mowabu, n’ umwami w’Abamoni, n’umwami w’i Tiro, n’umwami w’i Sidoni, ubirungikane intumwa zaje i Yerusalemu zitumwe kuri Zedekiya, umwami w’i Buyuda;

4 ubatume amajambo bashīra ba shebuja, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira ba shobuja,

5 mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.

6 Kandi non’ ibi bihugu vyose mbishize mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje; ndamuhaye n’ibikōko vyo ku misozi kumukorera.

7 Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.

8 Maz’ ihanga ryose cank’ igihugu c’ umwami wese, ni habah’ abatemera gusaba Nebukadineza, uyo mwami w’i Babuloni, canke ngo bemere kugondera izosi ingōgo yiwe, iryo hanga nzorihana, ni k’ Uhoraho agize, ndarihanishe inkota n’inzara n’ikīza, gushitsa aho nzoba mperaheje kubaranduza ukuboko kwiwe.

9 None rero mwebge, ntimuruhe mwumvira ba kamenyi banyu, cank’ abapfumu banyu, cank’ inzozi zanyu, cank’ abamenyi banyu, cank’ abarozi banyu, bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni:

10 kuko babaragurira ibinyoma, kugira ngo mwambukanwe kure y’igihugu canyu, no kugira ngo nanje ndakibirukanemwo, muhone.

11 Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.

12 Nuko mbarira Zedekiya umwami w’i Buyuda nk’ukw ayo majambo yose ameze, nti Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni, mumusabe, musabe n’abantu biwe, mubone kubaho.

13 Mugombera iki gupfa, wewe n’abantu bawe, ngo mwicishwe inkota n’inzara n’ikīza, nk’uk’ Uhoraho yavuze kw ihanga ritazokwemera gusaba umwami w’i Babuloni?

14 Ntimuruhe mwumvira amagambo ya ba kamenyi bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni: kuko babaragurira ibinyoma.

15 Kuk’ Uhoraho avuze kw atari we yabatumye, ariko bavuga ibinyoma mw izina ryiwe; kugira ngw abirukane, muhone, mwe n’ abo ba kamenyi babaragurira.

16 Kandi mbarira n’abaherezi n’ ubgo bgoko bgose, nt’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimuruhe mwumvira amagambo y’abo ba kamenyi banyu babaragurira, bat’ Ibintu vy’imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho bizohava bigarukanwa bive i Babuloni: kuko babaragurira ibinyoma.

17 Ntimuruhe mubumvira: musabe umwami w’i Babuloni, mubone kubaho: n’iki cotuma iki gisagara gihinduka amatongo?

18 Namb’ ar’ abavugishwa n’Imana, kandi namb’ ijambo ry’Uhoraho riri muri bo, ni bashireko binginge Uhoraho Nyen’ ingabo ngw ibintu vy’imbombovu bisigaye mu ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda, n’i Yerusalemu, bireke kujanwa i Babuloni.

19 Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize ku vy’inkingi, no ku vya ca gikarabiro citwa ikiyaga, no ku vy’ibitereko, no ku vy’ibisigaye vy’imbombovu bigisigaye mur’ iki gisagara,

20 ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni atātwaye, igihe yajana Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ar’ inyagano, amukūye i Yerusalemu amujanye i Babuloni, bo n’abaganwa bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu;

21 n’ukuri uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana ya Isirayeli, ku vy’ibintu vy’imbombovu bisigaye mu ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda, n’i Yerusalemu:

22 ati Bizojanwa i Babuloni, bibeyo, gushitsa umusi azobagendera, akabidūgana, akabisubiza aha hantu; ni k’Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan