Yeremiya 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ukwambukanwa i Babuloni kumara imyaka mirongwirindwi 1 Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’abantu bose b’i Buyuda mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; ni wo war’ umwaka wa mbere wa Nebukadineza umwami w’i Babuloni wo kuba ku ngoma. 2 Iryo ni ryo Yeremiya uwavugishwa n’Imana yabariye abantu bose b’i Buyuda, n’ababa i Yerusalemu bose, 3 at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve. 4 Kand’ Uhoraho yabatumyekw abasavyi biwe bose abo yavugisha, yama azindurwa no kubatuma, namwe ntimwumve, canke ngo mutege amatwi ngo mwumvirize; 5 at’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu, ni ho muzokwibera mu gihugu Uhoraho yabahānye na ba sogokuruza, uhereye kera ugashitsa ibihe bitazoshira. 6 Kandi ntimugakurikire izindi mana ngo muzisabe, muzisenge; ntimukamurakishe ibikorwa vy’intoke zanyu: na we ntazogira ivyago abatēza. 7 Ariko mwebge ntimwanyumviye, ni k’ Uhoraho agize, atar’ ukundakisha ibikorwa vy’intoke zanyu, mukikwegera ivyago. 8 None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ko mutumviye amajambo yanje, 9 nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira. 10 Ikindi, nzobakūramw’ ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ukuvuga kw’urusyo n’ukubonesha kw’itara. 11 Kand’ iki gihugu cose kizoba amatongo n’akajoreza; kand’ ayo mahanga azokorera umwami w’i Babuloni imyaka mirongwirindwi. 12 Hanyuma y’ivyo, iyo myaka mirongwirindwi ishize, nzohana umwami w’i Babuloni bo n’iryo hanga, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbahōre ukugabitanya kwabo; nzohana n’igihugu c’Abakaludaya, ngihindure amatongo gushitsa ibihe vyose. 13 Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose. 14 Kandi na bo ubgabo amahanga menshi n’abami bahambaye bazobahindura abaja; kandi nzoba mbashubirije mu nkōko ibihwanye n’ivyo bākoze, n’ibihwanye n’ ibikorwa vy’amaboko yabo. Ibihano bizoba ku mahanga yose 15 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ari we Mana y’Abisirayeli, at’ Enda abīra mu kuboko kwanje iki gikombe ca vino y’uburake bganje, ukiramize amahanga yose ngutumyeko, bakinywe. 16 Bazokinywa badandabagirane, bazimire ubgenge, kubg’ inkota nzorungika muri bo. 17 Nuko nābīra igikombe mu kuboko kw’ Uhoraho, ndakiramiza amahanga yose Uhoraho yantumyeko; 18 ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi; 19 nkiramiza Farawo, umwami wa Egiputa n’ abasavyi biwe n’abaganwa biwe n’ abantu biwe bose; 20 bo n’amahanga yose y’ikivange, n’abami bose bo mu gihugu ca Uzi, n’abami bose bo mu gihugu c’i Bufilisitiya, n’i Ashikeloni n’i Gaza n’i Ekuroni, n’amasigarira yo muri Ashidodi, 21 n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni, 22 nkiramiza n’abami bose b’i Tiro n’abami bose b’i Sidoni, n’ abami b’ikizinga co hirya mu kiyaga, 23 n’i Dedani n’i Tema n’i Buzi; n’abica amasoso bose; 24 n’ abami bose b’i Arabiya, n’abami bose b’amahanga y’ikivange baba mu bugaragwa, 25 n’abami bose b’i Zimuri, n’abami bose b’i Elamu, n’abami bose b’Abamedi, 26 n’abami bose b’i burārūko, abari kure n’abari hafi, bose hamwe; n’ibihugu vyose vy’abami bo mw isi, aho biri hose mw isi; kand’ umwami w’i Sheshaki ni we azobaherukira kunywa. 27 Kand’ uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni munywe, muborerwe, mudahwe, mwubameho, ntimuze musubire kuvyuka ukundi, kubg’ inkota nzorungika muri mwebge. 28 Maze ni baramuka banse kwābīra igikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ntimugenda mutakinyoye: 29 ko ntanguriye ku gisagara citiriwe izina ryanje kuhazana ivyago, none mwebge mwobura guhanwa? Eka ntimuzobura guhanwa na mba: kuko nzohamagara inkota ngw ize ku baba kw isi bose, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze. 30 Nuko rero, ubabūrire ayo majambo yose, ubabgire, ut’ Uhoraho azokwivuga ari mw ijuru, avuge n’ijwi rirenga ar’ ahiwe hēra; umukuku wiwe azowutontomera; azovuza akāmo, nk’ak’ abakānya inzabibu, akavugirije ababa kw isi bose. 31 Ijwi ryavyo rizoshika no ku mpera y’isi; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’amahanga, azobūrana n’abariho bose; kand’ abanyavyaha azobagaburira inkota, ni k’Uhoraho agize. 32 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ ivyago bizosimba‐simba biva kw ihanga bija ku rindi, kand’ ikirura gihambaye kizozingazinga kivuye ku mpera z’isi. 33 Abishwe n’Uhoraho bazohēra ku mpera y’isi bashike ku yindi, ntibazoririrwa, canke ngo begeranywe, canke ngo bahambge; bazoba nk’intabire yometse ku misozi. 34 Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe. 35 Abungere ntibazobona inzira yo guhunga, canke ba kizigenza mu mukuku ngo babone ingene bacika. 36 Umve ijwi ry’ ukurira kw’abungere, n’iry’ ukuboroga kwa ba kizigenza mu mukuku! Kuk’ Uhoraho yakomvoje ubgatsi bgazo. 37 Impongore zār’ amahoro zisigaye zumaniwe, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho. 38 Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi