Yeremiya 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya yerekwa ivy’ insukoni nziza n’iziboze 1 Uhoraho aranyereka, mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rw’ Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni yar’ amaze kujana Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’i Buyuda, kw inyagano, bo n’abaganwa b’i Buyuda n’ababāji n’abacuzi, abakūra i Yerusalemu abashikana i Babuloni. 2 Igisimbo kimwe carimw’ insukoni nziza cane, zimeze nk’insukoni z’isega: ikindi gisimbo carimw’ insukoni ziboze rwose, zitoshoboka kuribga kubgo kubora. 3 Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndamwishura, nti Mbonye insukoni; inziza ni nziza cane, iziboze ziraboze cane, zitoshoboka kuribga kubgo kubora. 4 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, 5 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nk’uk’ umuntu yokwerekeza umutima kur’ izi nsukoni nziza, ni ko nzowerekeza ku Bayuda, kugira ngo mbagirire neza, abo narungitse ar’ inyagano, ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abakaludaya. 6 Kuko nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza, kandi nzosubira kubagarukana mur’ iki gihugu: nzobubaka, sinzobasambura; nzobatēragira, sinzobarandura. 7 Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose. 8 Kandi nk’uko bata insukoni ziboze, zidashoboka kuribga kubgo kubora, ni ko nzota Zedekiya umwami w’i Buyuda, n’abaganwa biwe, n’amasigarira y’i Yerusalemu asigaye mur’ iki gihugu, n’abāgiye kuba mu gihugu ca Egiputa, ni jewe Uhoraho mbivuze; 9 mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira. 10 Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi