Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ abami baganza nabi, n’ivy’ Umwami azoza agororotse

1 Bazobona ibara, abungere batikiza intama zo mu canya canje, bakazishwiragiza! ni jewe Uhoraho mbivuze.

2 None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.

3 Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.

4 Kandi nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubgoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo, ni jewe Uhoraho mbivuze.

5 Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.

6 Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.

7 Nuko rero, mu misi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntibazoba bakirahira uguhoraho kwanje, jewe Uhoraho, ko nakūye Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa,

8 ariko bazorahira uguhoraho kwanje Uhoraho, ko nakūye uruvyaro rw’ab’ inzu ya Isirayeli mu gihugu c’i burārūko, nkabarōngōra, nkabakūra mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye; kandi bazokwibera mu gihugu cabo bgite.


Imana ibūrira ba kamenyi

9 Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.

10 Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.

11 Kuko ba kamenyi n’abaherezi ar’ ibihumane; mbere no mu ngoro yanje nabonye ivyaha vyabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.

12 Ni co gitumye inzira yabo izobabera nk’ahanyerera mu mwiza: bazokwirukanwa bahagwe, kuko nzobazanakw ivyago, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.

13 Nabonye ubupfu bga ba kamenyi i Samariya; bāvugishijwe na Bayali, bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.

14 Mbonye ubuyobe muri ba kamenyi b’i Yerusalemu: barasambana, bagendera mu binyoma, baremesha inkozi z’ibibi, bigatuma ata wigarura ngw ave mu bibi vyiwe: bose bampindukiye nk’i Sodomu, n’ababayo bampindukiye nk’i Gomora.

15 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize ku vya ba kamenyi: at’ Ehe rāba, nzobagaburira ivy’ umururazi, nzobanywesha amazi y’ubumara: kukw ibihumanya vyasāvye igihugu cose, biturutse kuri ba kamenyi b’i Yerusalemu.

16 Nuk’ uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ntimwumvirize amagambo abo ba kamenyi bababarira; babigisha ibitagira ikimazi; barotora ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo ubgabo, bitavuye mu kanwa kanje Uhoraho.

17 Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.

18 Ni nde yabaye mu nama yanje, jewe Uhoraho, canke ngw amenye ijambo ryanje, aryumve? Ni nde yategereye ijambo ryanje akaryumva?

19 Rāba ikirura canje, jewe Uhoraho, ni bgo burake bganje, kirahinze, mbere n’ikirura c’imvugusi: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.

20 Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.

21 Erega si jewe natumye abo ba kamenyi, yamara bārirukanze; jewe nta co navuganye na bo, yamara baravugishwa.

22 Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.

23 Mbega nd’ Imana igarukira hafi gusa? ni jewe Uhoraho mbibajije; sind’ Imana ishika kure na ho?

24 Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.

25 Numvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw izina ryanje; bati Narose, narose.

26 Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, ni bo bavugishwa n’ubugunge bgo mu mitima yabo?

27 Bibgira ko bokwibagiza abantu banje izina ryanje, babibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenzi we, nk’ uko ba sekuruza babo bibagijwe izina ryanje na Bayali.

28 Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.

29 Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?

30 Nuko rer’ ehe rāba, abo ba kamenyi tuzohigūra twe na bo, ni jewe Uhoraho mbivuze, abība amajambo yanje, umuntu wese akayība uwundi.

31 Rāba, nzohigūra n’abo ba kamenyi, ni jewe Uhoraho mbivuze, ababishira mu kanwa kabo, ngo ni ko nabivuze.

32 Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.

33 Kand’ aba bantu canke kamenyi cank’ umuherezi, ni hagira ūkubaza, at’ Imbūri y’Uhoraho ivuga iki? uz’ umwishure, ut’ Ugize ngw imbūri n’iki? N’ukw agira ngw abate, ni k’Uhoraho agize.

34 Kandi kamenyi cank’ umuherezi cank’ uwo mu bantu ni hagira ūpfa kuvuga ivy’ imbūri yanje jewe Uhoraho, uwo muntu nzomuhana, bo n’abo mu nzu yiwe.

35 Uku az’ abe ari k’umuntu wese abaza umubanyi wiwe, abaze na mugenzi we, ati Mbeg’ Uhoraho yishuye iki? Kand’ ati Mbeg’ Uhoraho yavuze iki?

36 Imbūri y’Uhoraho ntimuze muyivuge ukundi: kukw ijambo ry’umuntu wese ari ryo rizomubera imbūri; erega mwagoretse amajambo y’Imana nzima, ni yo y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yacu.

37 Uz’ ubaze ūvugishwa, uti Mbeg’ Uhoraho yakwishuye iki? Cank’ ut’ Uhoraho yavuze iki?

38 Ariko ni mwavuga ivy’ imbūri y’Uhoraho, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ko muvuga iryo jambo ry’imbūri yanje Uhoraho, nanje nkaba nabatumyeko ndabibabuza, nti Ntimukavuge ivy’ imbūri yanje, jewe Uhoraho;

39 nuko rero nzobībagira rwose, nzobashiburana n’igisagara nabahānye na ba sogokuruza, ngo mumve imbere;

40 kandi nzobazanira umuvumo utazovaho, ibitētērwa bitazoshira, bitazoruha vyibagirana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan