Yeremiya 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Pashuri aboha Yeremiya 1 Nuko Pashuri mwene Imeri umuherezi, yar’ umubgiriza mukuru wo mu ngoro y’Uhoraho, yumvise Yeremiya avuze izo mbūri, 2 aca aramukubita, amushira mu mpatane z’ibiti vyari ku kirimba gihera haruguru citwa ica Benyamini, kirora ku ngoro y’ Uhoraho. 3 Bukeye Pashuri akūra Yeremiya mur’ izo mpatane. Maze Yeremiya aramubgira, at’ Uhoraho ntiyakwise Pashuri, ariko yakwise Magori‐misabibu. 4 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nzotuma wikanga, ukange na bagenzi bawe bose; bazohindikiranywa n’inkota z’abansi babo, nawe amaso yawe azovyibonera. Nzotanga Ubuyuda bgose mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azobajana ar’ inyagano i Babuloni, kand’ azobicisha inkota. 5 Ikigeretseko nzotanga itunga ryose ry’iki gisagara, n’ivyar’ inyungu zaco, n’ivy’ igiciro vyaco vyose, mbere n’ibitayega vyose vy’abami b’i Buyuda, mbitange mu maboko y’abansi babo bazoba babanyaze, babafashe, babajanye i Babuloni. 6 Kandi nawe, Pashuri, mwe n’abo mu rugo rwawe bose, muzojanwa kw inyagano: kand’ uzoshika i Babuloni, ni yo uzogwa, ni yo uzohambga, mwe na bagenzi bawe bose, abo warotoreye ivy’ ibinyoma. Yeremiya ajojera Imana 7 Ewe Uhoraho, waranyoheje ndoha, wandushije inkomezi, uranjaniranya: mpindutse agatwengo kurenza umusi, umuntu wese arancokora. 8 Kukw iyo mvuze, mvugira hejuru; mvugira hejuru, nti Har’ umuryano n’ubunyazi! Mber’ ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi. 9 Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora. 10 Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra. 11 Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana. 12 Ariko wewe, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe ugerageza abagororotsi, ukitegereza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra, kukw ari wewe nitwayeko. 13 Muririmbire Uhoraho, muhimbaze Uhoraho: kuko yarokoye ubugingo bg’umukene, akabukūra mu maboko y’inkozi z’ibibi. 14 Umusi navukiyeko uravumwe! Umusi mama yamvyariyeko ntube ucitwa uw’ amahirwe. 15 Aravumwe umuntu yazaniye inkuru data, at’ Uvyaye umwana w’umuhungu; bikamunezereza cane. 16 Uwo muntu n’abe nka vya bisagara Uhoraho yasanganguye, ata kagongwe: ni yumve amaborogo mu gatondotondo, n’ akarūru ku murango; 17 kukw atānyishe nkiri mu nda ya mama; ni ko mama yombereye imva, akazokwama akuriwe. 18 N’iki cankūye mu nda, ngo nze mbone ubutame n’umubabaro, imisi yanje nkayimara mu bitētērwa? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi