Yeremiya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uhoraho abūrira abantu biwe basubiye inyuma 1 Ijambo ry’Uhoraho rinzako, 2 riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto. 3 Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze. 4 Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli; 5 uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi? 6 Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba? 7 Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira. 8 Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi. 9 Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze. 10 Enda ni mujabuke ku bizinga vy’i Kitimu, murābe; mutume i Kedari, mwitegereze mushirutse umwete; murābe ko higeze kuboneka ikintu nk’iki. 11 Mbega harih’ ihanga ryigeze gukāba imana zaryo, nah’ atar’ imana nya mana? Arikw abantu banje bo, icubahiro cabo bāgikāvye ibitagira ikimazi. 12 Ni mwumirwe, mwa majuru mwe, muje mu gatengo, mujorerwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; 13 kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi. 14 Mbega Isirayeli n’umuja yaguzwe? Mbega yavukiye mu buja? None n’iki gitumye acika inyama z’ibisīga? 15 Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba. 16 Abantu b’i Nofu n’i Tahapanesi bākujonjanze agahanga. 17 Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira? 18 None rero n’iki kikujanye mu nzira ija muri Egiputa, ukaja kunywa amazi ya Shihori? Canke n’iki kikujanye mu nzira ija muri Ashuri, ukaja kunywa amazi ya rwa Ruzi? 19 Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze. 20 Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye. 21 Yamara nari naguteye ur’ umuzabibu w’ubgoko, ur’ urugemwe rutōretse rwose: none se wabaye ute ko wampindukiye igiti c’umuzabibu w’ikijakija w’icaduka? 22 Naho wokwiyuhagiza ivyitwa amagadi, ukīyabīrira n’isabuni nyinshi, ukugabitanya kwawe kuzoba ubgome imbere yanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze. 23 Uvuga ute, uti Sinanduye, kand’ uti Sinakurikiye Bayali? Itegereze inzira zawe zo mu mwonga, umenye ico wakoze! Ur’ ingamiya y’iriza y’impehu, igenda iharātwa; 24 ur’ indogoba y’inyeshamba imenyereye ubugaragwa, ihemba umuyaga igihe igomba kwima; iyo irinze, ni nde yoyigarura? Iziyironderakw isumba zose ntizirinda kwigora; mu kwezi kwayo kugeze zizoyibona. 25 Enda ni wirinde, ibirenge vyawe ntibibure inkweto, n’imihogo yawe ntiyume; ariko waravuze, ut’ Oyaye, n’unyiziguruke; kuko jewe ngomwe imana z’inyamahanga, nkaba ari zo nkurikiye. 26 Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo; 27 ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize. 28 None se za mana zawe wironkeye ziri hehe? Ni zihaguruke, namba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe: kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw imana zawe zingana. 29 N’iki kibagombesha kubūrana nanje? Mwese mwarancumuyeko, ni jewe Uhoraho mbivuze. 30 Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza. 31 Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako? 32 Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa. 33 Ewe kuntu ugira amīsīgiranzira kugira ngo bakugomwe! Bitayeko wahavuye wigisha n’abagore b’abanyavyaha ingeso zawe! 34 Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu. 35 Ariko naho bimeze birtyo, uravuga, uti Nta gicumuro ndiko; kand’ uti N’ukuri n’uburake yar’ andakiye bgashize. Rāba nzobūrana nawe, kuk’ uvuga, uti Nta caha nakoze. 36 Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje. 37 Na ho nyene uzovayo witwaye impungenge; jewe Uhoraho ko nagaye abo wishimiye, nta co bazokumarira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi