Yeremiya 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ikimenyetso c’ikarabo rimenetse 1 Uku ni k’Uhoraho yagize, ati Genda ugure ikarabo ku mubumvyi, uheze ujane abashingantahe bo mur’ ubu bgoko, n’ abakuru b’abaherezi, 2 ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira: 3 uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda, namwe ababa i Yerusalemu; uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana ivyago aha hantu, kand’ ūzovyumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi. 4 Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye; 5 bagataba ibitabo vya Bayali, ngo bahosereze abahungu babo mu muriro, babe ibimazi vyosherejwe Bayali; ar’ ikintu ntābageze, ntāvuze, kitigeze no kuza mu mutima wanje. 6 Nuko rero, umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aha hantu ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’Imihindigiti. 7 Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi. 8 Nzohindura iki gisagara akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa; umuntu wese azohaca azojorerwa, avuze agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose. 9 Nzotuma barya abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aryekw inyama mugenzi we, kubgo kwugarizwa no gusugerezwa, basugerejwe n’abansi babo n’ababahīga ngo babice. 10 Uheze usābirize iryo karabo imbere y’abo bantu mwajanye, 11 ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Uko ni ko nzosāvya ubu bgoko n’iki gisagara, nk’uk’ umuntu asāvya ikibumbano, kidashobora kwungwa ukundi: uti Maze bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba. 12 Uko ni ko nzogirira aha hantu, bo n’abahaba, ni jewe Uhoraho mbivuze, mpindure iki gisagara kibe nk’i Tofeti: 13 ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana. 14 Nuko Yeremiya aragaruka avuye i Tofeti, ah’ Uhoraho yari yamutumye kuvuga imbūri; maz’ ahagarara mu rugo rw’ingoro y’ Uhoraho, abarira abantu bose, 15 at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi