Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingen’ umutima wibesha kuruta ibindi vyose

1 Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;

2 abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.

3 Ewe musozi wanje wibonekeza mu gihugu, ibintu vyawe n’itunga ryawe ryose nzobigomorera binyagwe, bo n’ibitabo vyawe vyatabge ku mpinga z’imisozi, kubg’ ivyaha, bihereye ku mbibe zawe zose.

4 Kandi nawe uzohomba ishamvu yawe naguhaye, ari wewe uvyihamagariye; nzotuma ukorera abansi bawe uri mu gihugu utazi, kuko mwadometse umuriro w’uburake bganje uzokwaka gushitsa ibihe vyose.

5 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho.

6 Azoba nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa, kandi ntazobona ivyiza bimujeko; arikw azoba ahagadutse ahantu h’ ubgeranyange, igihugu c’umunyu kitabamw’ abantu.

7 Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.

8 Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishōrera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikāmana itōto; ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.

9 Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?

10 Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.

11 Nk’ukw inkware ibundikira amagi itātaye, umuntu yironkera itunga mu buryo bubi ni kw amera: agicagatije imisi yo kubaho kwiwe rizomuvako, kw iherezo ryiwe azoboneka kw ar’ igipfu.

12 Ahantu h’ahēra hacu ni ho ntebe y’icubahiro, ishizwe hejuru uhereye mbere na mbere.

13 Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.

14 Mvūra, Uhoraho we, nanje ndakira; undokore, nanje ndarokoka: kukw ari wewe shimwe ryanje.

15 Erega barambaza, bat’ Ijambo ry’Uhoraho riri hehe? Ni rishike turābe!

16 Ariko jewe ubganje sinanse kuba umwungere nk’uk’ ugomba; sinifuje wa musi w’ivyago, nawe urabizi: ico navugishije akanwa cose car’ imbere yawe.

17 Ntumbere ikinca ivutu: ni wewe buhungiro bganje ku musi w’ivyago.

18 Abampīga ni bamāramāre, ariko jeho noye kumāramāra; ni bacike ivutu, ariko jeho noye kuricika: ubashitseko wa musi w’ivyago, ubageseze umurengera.


Ivy’ ukweza umusi w’isabato

19 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Genda uhagarare mu kirimba gihitamw’ abantu bose, ari co abami b’Abayuda bahora bacamw’ amaja n’amaza, uhagarare no ku birimba bindi vyose vy’i Yerusalemu,

20 ubabgire, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda na Buyuda bgose, n’ababa i Yerusalemu mwese, abaca mur’ ibi birimba;

21 uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwirinde, ntimukagire ico mwiremēka na kimwe ku musi w’isabato, canke ngo mugicishe mu birimba vy’i Yerusalemu;

22 kandi ntimukagire icikorerwa musohokana mu nzu zanyu ku musi w’isabato, kandi ntimugire igikorwa na kimwe muwukorako: ariko muziririze umusi w’isabato, nk’uko nageze ba sogokuruza;

23 yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.

24 None rero mweho ni mwanyumvirana umwete, ni jewe Uhoraho mbivuze, mukareka gucisha icikorerwa na kimwe mu birimba vy’iki gisagara ku musi w’isabato, ariko mukaziririza umusi w’isabato, ntimugire igikorwa na kimwe muwukorako;

25 ni ho mu birimba vy’iki gisagara hazoca abami n’abaganwa uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, bo ubgabo n’ abaganwa babo, n’abagabo b’i Buyuda, n’ababa i Yerusalemu: kand’ iki gisagara kizokwamah’ ibihe bidashira.

26 Kandi bazoza bavuye mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bihugu bikikije i Yerusalemu, no mu gihugu c’Ababenyamini, no mu misozi iciye bugufi, na ruguru mu mugamba, no mu gihugu c’i bumanuko, bazana ibimazi vyo kwoswa n’ivyo gukererwa n’ivyo gushikana, n’imibavu, bazana n’ivy’ ishimwe, babizana mu ngoro yanje jewe Uhoraho.

27 Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan