Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyago bigiye gutera

1 Ijambo ry’Uhoraho rinzak’ ukundi gusha,

2 riti Ntukābīre umugore, canke ng’ uvyarire abahungu n’abakobga aha hantu.

3 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize ku vy’abahungu n’abakobga bavukira aha hantu, no ku vya ba nyina bābatwaye inda no ku vya ba se bābavyariye mur’ iki gihugu:

4 ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.

5 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkūye amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze.

6 Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:

7 kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.

8 Kandi ntuze winjire mu nzu y’amazimano ngo wicarane na bo, usangire na bo.

9 Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.

10 Maze ni wamenyesha ubu bgoko ayo majambo yose, bazokubaza, bati N’iki gitumye Uhoraho atugenera ivyo vyago vyose bikomeye birtyo? Mbeg’ ukugabitanya kwacu n’iki? Cank’ icaha twakoze k’Uhoraho Imana yacu n’iki?

11 Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;

12 kandi namwe mwakoze ibibi kurusha ba sogokuruza, kukw ehe rāba, umuntu wese muri mwebge agendera mu budadarare bg’umutima wiwe mubi, bigatuma mutamwumvira:

13 nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.


Uko bizomera Imana igarukanye Abisirayeli

14 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ngw Imisi izoza ntibazoba bakirahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa,

15 ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.

16 Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.

17 Kukw inyonga zanje ziri ku nzira zabo zose: ntizinyegejwe ngo sinzibone, kand’ ibigabitanyo vyabo ntibihishijwe inyonga zanje.

18 Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.

19 Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.

20 Mbega kare ho har’ uwokwironkera izitwa imana, kandi zitari zo?

21 Kubg’ ivyo nzobatahuza, iri rimwe gusa nzobatahuza inganji yanje n’ubushobozi bganje; kandi bazomenya izina ryanje ko nd’ Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan