Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho yishura Yeremiya

1 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.

2 Maze ni bakubaza, bati Tuje hehe? ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abagerewe gupfa, baje mu rupfu; abagerewe inkota baje ku nkota; abagerewe kigoyi baje muri kigoyi; abagerewe gufatwa mpiri bafatwe mpiri.

3 Kandi ndabagereye ivyago bine, ni k’ Uhoraho agize: inkota yo kwica, n’imbga zo gutabagura, n’ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi vyo gutsontsomera no gutikiza.

4 Kandi nzobagira akabarore mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, kubga Manase mwene Hezekiya, umwami w’i Buyuda, kubg’ ivyo yakoreye i Yerusalemu.

5 Ni nde azokugirira akagongwe, ewe Yerusalemu? Ni nde azokuririra? Ni nde azokikama ngw abaze udukuru twawe?

6 Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.

7 Nabagosoje urutaro ku marembo y’igihugu; nabakūyekw ibibondo, mponnya abantu banje: ariko ntibāhindukira ngo bave mu nzira zabo mbi.

8 Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.

9 Umugore yavyaye ndwi arahondobereye, aregutse; izuba ryiwe ryacokeye hakiri ku murango; aratēterewe, aramāramāye; amasigarira yabo nzoyagaburira inkota imbere y’ abansi babo, ni jewe Uhoraho mbivuze.

10 Erega mama, mbonye ibara, kuko wamvyaye nd’ umutēzi w’ intambara, nd’ umutēzi w’amahane mw isi yose! Nta we nagurāniye kuzohabga ay’ inyungu, kandi nta bāngurānye ngo nze mbahe ay’ inyungu: arik’ umuntu wese muri bo aramvuma.

11 Uhoraho arambarira, ati N’ukuri nzogukomeza umere neza; n’ukuri nzotuma abansi bagukomera ibōbo mu gihe c’ivyago no mu gihe c’amagorwa.

12 Mbega har’ uwoshobora kuvuna icuma, kand’ ar’ icuma kivuye i burārūko, bo n’umuringa?

13 Ibintu vyawe n’itunga ryawe nzobigomorera binyagwe ata biguzi, kubg’ ivyaha vyawe vyose, bihereye ku mbibe zawe zose.

14 Kandi nzotuma bijanwa n’abansi bawe mu gihugu utazi: kuk’ umuriro ucanywe kubg’ uburake bganje, uzobatongora.

15 Ewe Uhoraho, ivyo urabizi: nyibuka, ungendere, umpōre abandendereza; ntunkūreho, kubg’ ukwihangana kwawe: menya kw ari kubgawe ntukwa.

16 Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.

17 Sinicaranye n’abaremye akarwi bitwengera, bihimbarirwa: nicaye ukwanje jenyene kubg’ ukuboko kwawe; kuko wanyujuje umwikomo.

18 N’iki gituma uburibge bganje bgamaho, n’igisebe canje kikaba ikitavūrika, kikanka gukira? Mbega wombera nk’uruzi ruhendana, nk’amazi akamye?

19 None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.

20 Kandi mur’ ubu bgoko nzoguhindura uruzitiro rukomeye rw’imiringa; bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.

21 Nzokurokora ngukūre mu maboko y’ abanyakibi, kandi nzogucungura ngukūre mu maboko y’abantu b’agaterabgoba.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan