Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyo Yeremiya yavuze ku vy’uruzuba rwari rwateye

1 Ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya rivuga ivy’ uruzuba.

2 I Buyuda haraboroga, amarembo yaho arihebuye, bicara hasi biraburaniwe; gutaka kw’i Yerusalemu kugiye hejuru.

3 Abashingantahe babo barungika abana kuvoma, bashika ku mariba, basanga ata mazi; bagaruka imibindi yabo iri gusa: baramāramāra baratētērwa, bitwikira mu mutwe.

4 Kubg’ isi yāse imigāga, kukw ata mvura igikoroka mu gihugu, abarimyi baramāramāra, bitwikira mu mutwe.

5 Mber’ impongokazi yo mw ishamba iravyara, ita umwana wayo, kukw ata bgatsi.

6 Indogoba z’inyeshamba zihagarara ku mpinga mu ruharabuga, zisama umuyaga nk’ imbgebge; amaso yazo ahwerezwa no kubura ubgatsi.

7 Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.

8 Wewe vyizigiro vy’Abisirayeli, umukiza wabo mu gihe c’ivyago, n’iki cotuma utubako nk’umuntu w’akavantara ari mu gihugu, canke nk’impirahisi yaka indāro y’ijoro rimwe?

9 N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.

10 Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.

11 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Nta co usabira ubu bgoko kugirirwa neza.

12 Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.

13 Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.

14 Uhoraho aranyishura, at’ Abo ba kamenyi bavuga ibinyoma mw izina ryanje: sinabatumye, nta co nabageze, nta co nababariye: babarotorera ivyo beretswe vy’ibinyoma, n’ indagu, n’ibitagira ikimazi, n’ ubuhuhuta bgo mu mitima yabo.

15 None rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vya ba kamenyi bavuga mw izina ryanje, kandi ntābatumye, yamara bakavuga ngw Inkota n’inzara ntibizoba mur’ iki gihugu: mber’ inkota n’ inzara ni vyo bizorandura abo ba kamenyi.

16 Kandi n’abo bantu baragurira bazoshiburirwa hanze mu nzira z’i Yerusalemu bishwe n’inzara n’inkota; kandi ntibazogira uwo kubahamba, bo ubgabo, cank’ abagore babo, cank’ abahungu babo, cank’ abakobga babo: kuko nzobasubizakw ibibi vyabo.

17 Ubabgire rer’ iri jambo, ut’ Amaso yanje acunduguta amosozi ku murango no mw ijoro adahengeshanya; kuk’ umukobga w’inkumi, ari we bgoko bgacu, avunitse, ari n’imvune nini, ari n’uruguma rubi rwose.

18 Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.

19 Mbega waciye Yuda ruhebga? Umutima wawe wanse Siyoni urunuka? N’iki gitumye udukubita, tukabura ikituvūra? Twari twiteze amahoro, ariko nta vyiza twabonye; twari twiteze igihe co kuvūrirwamwo, ariko tubona ibitugwisha igihūmura!

20 Ewe Uhoraho, twemeye ibibi vyacu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza, kuko twagucumuyeko.

21 Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.

22 Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan