Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?

2 Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.

3 Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.

4 Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.

5 Ko wirukanye n’abiruka ku maguru bakakuruhisha, none woshobora ute gusiganwa n’amafarasi? Namb’ ugira amahoro gusa igihugu gitēkānye, non’ uzomera ute Yorodani rwigize akagabo?

6 Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.


Ukw igihugu kizogesezwa

7 Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.

8 Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambge yo mu kibira: irantontomeye, ni co gitumye ndayanka.

9 Mbeg’ ishamvu yanje ntiyampindukiye nk’ igisīga c’amabara y’uruyoberane? Mbeg’ ibindi bisīga ntivyagikonganije impande zose? Ni mugende mukoranye ibikōko vyo mw ishamba vyose, mubizane bikākagure.

10 Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.

11 Bāhagize amatongo; haramborogera, kuko habaye ibitongozi; igihugu cose n’amatongo, kukw ata wigeze kubishirak’ umutima.

12 Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.

13 Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.


Imana izohana amahanga ahahaza Abisirayeli n’atihana

14 Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.

15 Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.

16 Maze ni bigana umwete ingeso z’abantu banje, bakarahira izina ryanje, ni kwo guhoraho kwanje Uhoraho, nk’uko nyene bāri bārigishije abantu banje kurahira Bayali; ni ho bazokomezwa hagati y’abantu banje.

17 Ariko ni banka kwumva, ubgoko buzokwanka nzoburandura; ndaburandure ndabuhonnye, ni jewe Uhoraho mbivuze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan