Yeremiya 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ubugene Abayuda bāciye mw isezerano ry’Imana 1 Ijambo rivuye k’Uhoraho riza kuri Yeremiya, 2 riti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muvugane n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; 3 ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, at’ Aravumwe umugabo atumva amajambo y’iri sezerano, 4 iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; 5 kugira ngo mbone gushitsa indahiro narahiye ba sogokuruza, yuko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubūki, nk’uko bimeze uyu musi. Nuko ndishura, nti Amen, Uhoraho. 6 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere. 7 Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire. 8 Yamara ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgendera mu budadarare bg’imitima yabo mibi: ni co catumye mbashitsakw ivyo nababūriye vyose vyo mur’ iryo sezerano, iryo nabageze kwitondera, ntibaryitondere. 9 Uhoraho arambarira, ati Har’ inama yagīwe mu bagabo b’i Buyuda no mu baba i Yerusalemu. 10 Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza. 11 Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva. 12 Maz’ ibisagara vy’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu bazogenda gutakambira imana bāhora bosereza imibavu: ariko ntizizobakiza na gatoya mu gihe c’ivyago vyabo. 13 Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali. 14 None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo. 15 Mbeg’ inkundwakazi yanje igikora iki mu nzu yanje, ko yakoze ibiteye isoni? Mbeg’ amasezerano yawe n’inyama z’ibimazi ugira ngo vyogukiza? Canke ben’ ivyo ugira ngo vyokurokora? 16 Jewe Uhoraho nari nakwise igiti ca elayo kiremvye giteye igomwe, kirikw imyelayo myiza: noneho naragituriye, har’ urwamo rw’ akarūru kenshi, kand’ amashami yaco arahimbaguritse. 17 Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu. Bahigira imihigo Yeremiya 18 Maz’ Uhoraho, urabimmenyesha, ndabimenya: uca unyereka ibikorwa vyabo. 19 Ariko nari mmeze nk’umwagazi w’intama w’ikirīga ujanwa kubāgwa; sinari nzi yuko bampigiye imihigo, bat’ Enda turandurane igiti n’ivyo camye, tumukūre mw isi y’abakiriho, kugira ngw izina ryiwe ntiribe ricibukwa ukundi. 20 Ariko, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe uca iziroranye, ukagerageza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra: kukw ari wewe nitwayeko. 21 None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vy’abagabo bo muri Anatoti barondera kukwica, bati Ntuz’ ugire ico uvuga mw izina ry’Uhoraho, twoye kuzokwica: 22 uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize rero, at’ Ehe nzobāzira: imisore yabo izokwicwa n’inkota; abahungu babo n’abakobga babo bazokwicwa n’inzara; 23 ntihazoba hakiri n’amasigarira muri bo, kuko nzozana ivyago ku bagabo bo muri Anatoti, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi