Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Itandukaniro ry’Uhoraho n’ibigirwamana

1 Ni mwumve ijambo Uhoraho ababgira, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:

2 uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimukige ingeso z’amahanga, ntimugahagarikwe imitima n’ivyitwa imbitsi ziboneka mw ijuru, kukw ari zo zihagarika amahanga imitima.

3 Kukw imigenzo y’amahanga ar’ iy’ ubusa: baca igiti co mu kibira, amaboko y’umuhumbizi akagitunganisha incabiti.

4 Bagisakara ifeza n’izahabu; bakagikomeresha imisumari n’inyundo, ngo coye kunyiganyiga.

5 Ben’ ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bishinzwe mu mirima, bitazi kuvuga: bikwiye guterurwa kuko bidashobora kwijana. Ntimukabitinye; kuko bidashobora gukora ikibi, canke ngo bibashe gukora iciza.

6 Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.

7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga? kuko bikubereye; kuko mu banyabgenge bose bo mu mahanga, uko bāgatsindaje kwose nk’abami, ata wuhwanye nawe.

8 Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.

9 Bakoresha ifeza zātabatabge zavuye i Tarushishi, n’izahabu zavuye i Ufazi, ibikorwa vy’umuhinga, n’ivy’ amaboko y’umucuzi w’izahabu; bavyambika impuzu z’amasufe n’iz’ inyambarabami; vyose n’ibikorwa vy’abahinga.

10 Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.

11 Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.

12 Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo;

13 iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo.

14 Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.

15 N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.

16 Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.

17 Andūra utuntu twawe, wewe wugarijwe impande zose.

18 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ababa mu gihugu iki gihe nzobashiburira kure, nzobababaza kugira ngo bibonereko.

19 Ewe jewe ndagowe, ndatonekaye! Uruguma rwanje rurambabaje: maze ndavuga, nt’ Ereg’ aya n’amagorwa nyene, nkwiye gupfa kuyihanganira.

20 Ihema ryanje rirononekaye, imigozi yose iracitse; abana banje bamvuyeko, ntibakiriho: nta wugisigaye wo kwagura ihema ryanje, ngw abambe ibihuzu vyaryo.

21 Kukw abungere bācitse ibiyingiyingi, ntibagīsha Uhoraho inama: ni co cababujije kumererwa neza, kand’ imikuku yabo yose yarasābagiye.

22 Umve ijwi ry’impuha, ngw imivurungano ikomeye iraje, ivuye mu gihugu c’i burārūko, kugira ngw ibisagara vy’i Buyuda bigirwe imisaka, habe i wabo w’imbgebge.

23 Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.

24 Uhoraho, umpane, ariko bitarenze urugero: ntumpanane ishavu, ng’ uhave unzimiriza.

25 Rekurira uburake bgawe ku mahanga atakuzi, no ku miryango itambaza izina ryawe, kuko bātsontsomeye aba Yakobo, mbere barabatsontsomeye barabaherengeteza, bākomvomvoye aho bāba.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan