Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yeremiya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ihamagarwa rya Yeremiya

1 Amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, wo mu baherezi bāba muri Anatoti mu ntāra ya Benyamini.

2 Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.

3 Kandi ryongera kuza no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kw iherezo ry’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; rishitsa n’igihe ab’ i Yerusalemu bājanywe kw inyagano mu kwezi kwa gatanu.

4 Nukw ijambo ry’Uhoraho rinzako,

5 riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.

6 Maze ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.

7 Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.

8 Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.

9 Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.

10 Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Yeremiya yerekwa ivy’ ishami ry’umurinzi n’ivy’ inkono ibiragira

11 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, rirambaza, rit’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndavuga, nti Mbona ishami ry’umurinzi.

12 Maz’ Uhoraho aranyishura, ati Witegereje neza: kuko ndinda ijambo ryanje kugira ngo ndarishitse.

13 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako ubugira kabiri, rit’ Ubonye iki? Ndavuga, nti Mbona inkono ibiragira; kand’ umuhuro w’imbere werekeye i burārūko.

14 Nuk’ Uhoraho arambarira, at’ I burārūko hazoturuka ivyago bizoza biziye ababa mu gihugu bose.

15 Kuko rāba, nzohamagara imiryango yose yo mu bihugu vy’abami b’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazoza, umuntu wese ashinge intebe yiwe y’ubgami mw ishikiro ku marembo y’i Yerusalemu, ahaherereye ku nzitiro zaho zose zihazitiriye, n’ahaherereye ku bisagara vyose vy’i Buyuda.

16 Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.

17 None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.

18 Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.

19 Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan