Yakobo 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Gufata ururimi 1 Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi. 2 Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose. 3 Iyo tujiginyitse amafarasi mu kanwa kayo, kugira ngw adukundire, duhindukiza n’imibiri yayo yose. 4 Kandi rāba, n’amāto naho yoba maninimanini ate, agakubebga n’umuyaga uhuhuta cane, ingafe nah’ ari nto‐nto cane ni zo ziyerekeza, ah’ abayatumbereza bagomba. 5 N’ururimi ni ko ruri: n’urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake. 6 Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu. 7 Kukw amoko yose y’ibikōko n’ibiguruka n’ivyikwega n’ivyo mu kiyaga bigundwa n’abantu, kandi bārabigunze; 8 ariko, ururimi nta muntu yoshobora kurugunda: n’ububi bucambagirana, rwuzuye ubumara bgica. 9 Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana: 10 mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo. 11 Mbeg’ iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mu mbizi imwe? 12 Bene Data, mbeg’ umusukoni woshobora kwama elayo, cank’ umuzabibu wokwama insukoni? Ni kw amazi y’umunyu adashobora kuvamw’ ayaryoshe. Itandukaniro ry’ubgenge bgo mw isi n’ubgo mw ijuru 13 Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge. 14 Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri. 15 Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni. 16 Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose. 17 Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya. 18 Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi