Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yakobo 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukwirinda ivyo kurobanura abantu ku cubahiro

1 Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.

2 Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’ umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma,

3 namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira, muti Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo, muti Weho hagarara hariya, cank’ icara hambavu y’ibirenge vyanje;

4 none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?

5 Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?

6 Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?

7 Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?

8 Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza.

9 Arikw iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n’ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro.

10 Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.

11 Uwavuze, ati Ntugasambane, ni we yavuze, ati Ntukice. Nuko rero n’utasambana arik’ ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe.

12 Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo.

13 Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Ivy’ ukwizera n’ibikorwa vyakwo

14 Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?

15 Ni haba hariho mwene Data uw’ ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya,

16 maz’ umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’ umubiri ukena, vyomara iki?

17 Ni ko bimeze, n’ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.

18 Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.

19 Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.

20 Ariko wa muntu w’imburakimazi we, mbeg’ ugomba kumenya ingen’ ukwizera kutagira ibikorwa ar’ ukw’ ubusa?

21 Aburahamu sogokuruza, mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa, hamwe yar’ atanze kw ikimazi umwana wiwe Isaka ku gicaniro?

22 Ntubona yuk’ ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa?

23 Kand’ icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w’Imana.

24 Murabona yukw ibikorwa ari vyo bitsindanishiriza umuntu, atar’ ukwizera kwonyene.

25 Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye: mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indāro, akazirangira iyindi nzira?

26 Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan