Yakobo 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ukwizera n’ukwicisha bugufi 1 Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke. 2 Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, 3 mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana. 4 Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe. 5 Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga. 6 Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. 7 Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana, 8 kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose. 9 Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru, 10 umutunzi na we, ni yirate kw acishijwe bugufi, kukw azoyoka nk’amashurwe y’ivyatsi. 11 Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe. Ivy’ ukwihanganira ibigerageza 12 Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda. 13 Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha. 14 Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. 15 Maz’ ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu. 16 Ntimuzimire, bene Data nkunda. 17 Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika. 18 Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo. Idini nyakuri 19 Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka: 20 kuk’ uburake bg’umuntu budakora ivy’ ukugororoka kw’Imana. 21 Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu. 22 Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha. 23 Kuk’ uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk’umuntu yirābiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye. 24 Amaze kwirāba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira ukw asa. 25 Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora. 26 Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa. 27 Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi