Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Umusiguzi 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ababi n’abeza bagirirwa kumwe

1 Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.

2 Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze.

3 Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,

4 kandi ni nde atazoba muri bo? Abariho bose baba bari n’ivyizigiro: kukw imbga ibona iruta intambge ipfuye.

5 Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.

6 Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.

7 Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.

8 Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.

9 Bana umunezero, mwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ ukubaho kwawe kw’ubusa, yaguhaye musi y’izuba, ni yo misi yawe yose ipfa ubusa: kukw ivyo ari vyo mugabane wawe wo mur’ ubu bugingo, no mu miruho yawe uruhira musi y’izuba.

10 Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.

11 Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.

12 Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.

13 Kandi nabonye musi y’izuba ubgenge mur’ ubu buryo, kandi bgambereye igikomeye:

14 hābaye igisagara gitoya kirimw’ abantu bake; maze haza umwami ahambaye aragitera, arakiziguza, akirundira ibigunguzi binini bigikikije:

15 maze muri co haboneka umworo w’umunyabgenge, arokoza nya gisagara ubgenge bgiwe: yamara ntihaba hakigira umuntu yibuka wa mworo.

16 Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.

17 Amajambo y’abanyabgenge avuzwe buhoro yumvirizwa kurusha gusemerera kw’umuntu w’iremezo ry’ibipfu.

18 Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan