Umusiguzi 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umusiguzi aserangura ubgenge n’inyanduruko z’ibintu 1 Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako. 2 Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima. 3 Umubabaro uruta agatwengo: kuko naho mu maso hoba hijiriwe, umutima womera neza. 4 Umutima w’abanyabgenge uri mu nzu y’abagandaye, arik’ umutima w’ibipfu uri mu nzu y’ibikino. 5 Iciza n’ ukwumvira igihano c’umunyabgenge kuruta kwumviriza imvyino z’ibipfu. 6 Nk’uko guturagurika kw’amahwa kumeze musi y’inkono, ni ko gutwenga kw’igipfu kumeze; ivyo na vyo nyene n’ubusa. 7 N’ukuri kugunga guhindura umunyabgenge igipfu, kand’ impēra izimiza ubgenge. 8 Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw’ umutima wihangana aruta uw’ umutima w’ubgibone. 9 Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu. 10 Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ ubu? Kuko mur’ ivyo utaba ubajije ivy’ ubgenge. 11 Ubgenge bungana n’umwandu mu kuba bgiza: mbere burushiriza kubera bgiza ababona izuba. 12 Kuk’ ubgenge ar’ ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo. 13 Itegereze igikorwa c’Imana: none ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse? 14 Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe. 15 Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi. 16 Ntube umugororotsi arengeje urugero, kandi ntiwīgire umunyabgenge burengeranye: n’iki cotuma wikwegera kuranduka? 17 Ntube n’umunyavyaha arengeje urugero, kandi ntube igipfu: n’iki cotuma ukenyuka igihe cawe kitarashika? 18 Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose. 19 Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara. 20 N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure. 21 Kand’ ikindi, ntushire umutima ku majambo yose avugwa, ntuhave wumva umushumba wawe agutuka: 22 kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi. 23 Ivyo vyose nabigerageje mu bgenge; naravuze, nti Nzoba umunyabgenge; ariko bgambaye kure. 24 Ibiri kure, bikaba i bgina iyo bihera, ni nde yoshobora kubishikīra? 25 Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi. 26 Nsanga ikintu kirusha urupfu kurura: n’umugore umutima wiwe ar’ imitego n’ururiba, amaboko yiwe akaba imvuto: umuntu wese ahimbara Imana azomukira, arik’ umunyavyaha azofatwa na we. 27 Ehe ngiki ico nabonye, ni k’Umusiguzi agize, mmaze kugereranya kimwe n’ikindi ngo mmenye inyanduruko zavyo; 28 ico umutima wanje ukirondera, sindakibona: nabonye umugabo umwe mu bantu igihumbi, ariko nta mugore nabonye mur’ abo bose. 29 Eh’ ico nabonye n’iki kimwe gusa, n’ukw Imana yaremye abantu bagororotse; ariko bo birondereye ivyo bigeneye vyinshi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi