Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Umusiguzi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibibi n’amarushwa vyo mur’ ubu bugingo

1 Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.

2 Ni co catumye nshima abahisi bamaze gupfa kurusha abariho bakibona;

3 mbere kurusha abo bose nshima ūtigeze kubaho, atigeze kubona amabi akorerwa musi y’izuba.

4 Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.

5 Igipfu kizinga amaboko, kikīrya inyama.

6 Urushi rumwe rwuzuye rufatanye n’impore ruruta amashi yuzuye afatanye n’ubutame no guhahamira umuyaga.

7 Nuko ndasubira nitegereza ubundi busa musi y’izuba.

8 Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.

9 Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ ubutame bgabo.

10 Kuk’ umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura: arik’ ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe.

11 Kand’ ikindi, babiri iyo baryamanye barasusuruka: arik’ umuntu umwe gusa yosusuruka ate?

12 Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.

13 Umuhungu mworo w’umunyabgenge aruta umwami ashāje akaba igipfu, atacemera guhanūrwa.

14 Kuko yavuye mw ibohero ngw abe umwami; mbere yavutse mu bgami bgiwe ari mworo.

15 Nitegereje abariho bose bagendagenda musi y’izuba, mbona bikumiye ku ruhande rwa wa musore umwe yakurikiye umwami ku ngoma, akamusubirira mu gishingo.

16 Abo bantu bose yaganza, ubginshi bgabo ntibgagira uko bungana: yamar’ abazobaho hanyuma ntibazomunezererwa. N’ ukuri ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan