Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Umusiguzi 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yashingiye ikintu cose igihe caco

1 Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco:

2 har’ igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe;

3 igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;

4 igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;

5 igihe co gushibura amabuye n’igihe co kurunda amabuye; igihe co kugumbirana n’igihe co kwirinda kugumbirana;

6 igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;

7 igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;

8 igihe co gukundana n’igihe co kwankana; igihe c’intambara n’igihe c’impore.

9 Mbeg’ ūkora aronka inyungu ki mu vyamutamije?

10 Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.

11 Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.

12 Ndazi yukw ata kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho;

13 kand’ ikindi, yuk’ ubuntu bg’Imana ar’ uk’ umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.

14 Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.

15 Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.

16 Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.

17 Navuze mu mutima, nt’ Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’ igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.

18 Navuze mu mutima, nti Bimera birtyo kubg’ abana b’abantu, kugira ngw Imana ibagerageze, no kugira ngo babone ubgabo ko bameze nk’ibikōko gusa.

19 Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.

20 Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.

21 Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’ impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?

22 Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan