Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Umusiguzi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibihimbaro n’ubutunzi ntibizana amahoro

1 Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’ uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ ubusa.

2 Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?

3 Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.

4 Nikoreye ibikorwa bikomeye; niyubakiye amazu; nitereye uruzabibu henshi;

5 nironkeye indimiro n’amatongo, nteramw’ ibiti vyama vy’imyuga myinshi:

6 nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;

7 niguriye abagurano b’ abagabo n’abakobga, bavyarira abandi mu rugo rwanje; kandi nagize itunga ryinshi ry’amasho n’ imikuku kurusha abāntanguriye bose i Yerusalemu;

8 kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami rivuye mu ntāra zose; nirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abakobga, bo n’ibinezereza abana b’abantu, ni vyo ncoreke nyinshi cane.

9 Nuko nabaye agahambaye, nunguka kurusha abāntanguriye bose i Yerusalemu: kand’ ubgenge bganje bgāgumanye nanje.

10 Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.

11 Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.

12 Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.

13 Kandi mbona yuko mu bgenge har’ inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’ inyungu kuruta mu mwiza.

14 Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.

15 Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.

16 Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!

17 Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.

18 Kandi naciye nanka ubutame bganje bgose, ubgo natamiye musi y’izuba: kuko nzoba nkwiye kubisigarana ūzonkurikira.

19 Kandi ni nde yomenya yuk’ uyo azoba umunyabgenge cank’ igipfu? Yamar’ azoganza ivyavuye mu butame bganje bgose ivyo natamiye, nkerekaniramw’ ubgenge musi y’ izuba. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.

20 Bituma nisubiramwo mpebuza umutima wanje ku vy’ubutame bganje bgose, ivyo natamiye musi y’izuba.

21 Kuk’ umuntu mu butame bgiwe ari n’ubgenge n’ukumenya n’uburyo; yamar’ azobisigarana uwundi atābitamiye, bibe umugabane wiwe. Ivyo na vyo nyene n’ubusa, kandi n’ibara.

22 None se, umuntu akūra iki mu butame bgiwe bgose, no mu mwitwaririko w’umutima wiwe, mu vyo yaruhiyemwo musi y’izuba?

23 Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.

24 Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.

25 None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?

26 Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan