Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Umusiguzi 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ubgenge n’ubupfu uko bimeze

1 Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.

2 Umutima w’umunyabgenge umuroresha i buryo, arik’ umutima w’igipfu ukiroresha i bufuti.

3 Mbere kandi, igipfu iyo kigenda mu nzira, ubgenge bgaco burazimira, kikabarira umuntu wese, ng’ Ur’ igipfu!

4 Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.

5 Har’ ikibi nabonye musi y’izuba, umenga n’ifuti ryavuye k’ ūganza:

6 ubupfu gushirwa hejuru cane, abapfasoni bakicara mu mwanya w’inyuma.

7 Nabonye abashumba bagendera ku mafarasi, abaganwa na bo bagendesha amaguru hasi nk’abashumba.

8 Uwimba icobo azogikorokeramwo, kand’ ūmena urugo inzoka izomukomora.

9 Uwimba amabuye azomukomeretsa, kand’ ūsatura ibiti bimushira mw irinde.

10 Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.

11 Inzoka iy’ ikomoye itaragotwa, uwari kuyigota nta co aba akimaze.

12 Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.

13 Intango y’amagambo yo mu kanwa kaco n’ubupfu, kand’ iherezo ry’ibivuye mu kanwa kaco n’ibisazi vy’icago.

14 Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?

15 Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.

16 Uzobona ibara, wa gihugu, umwami wawe iy’ ar’ umwana, abaganwa bawe bakazindukira kurya.

17 Uzoba uhiriwe, wa gihugu, umwami wawe iy’ ar’ uwo mu nda y’abami, abaganwa bawe bakarīra mu gihe gikwiye, kugira ngo baronke inkomezi, atar’ ukugira ngo baborerwe.

18 Ubute butuma inzu igira ibibonde, kand’ ubunebge bg’amaboko butuma inzu iva.

19 Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.

20 Ntukavume umwami, eka naho vyoba mu vyiyumviro vyawe; kandi ntukavume umutunzi naho woba haruguru mu mpete: kukw inyoni yo mu kirēre izoritwara, kand’ igisīga kizovyandagaza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan