Umusiguzi 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Mu bintu vyose nta kimazi 1 Amajambo y’Umusiguzi, ni we mwene Dawidi, umwami aba i Yerusalemu. 2 N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize; n’ubusa gusa, vyose n’ubusa. 3 Mbeg’ umuntu aronka inyungu ki mu butame bgiwe bgose ubg’ atamira musi y’izuba? 4 Urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi; isi igahorah’ ibihe vyose. 5 Izuba na ryo rikarasa, hanyuma rikarenga, rikihutira gusubira ahantu haryo rizorasira. 6 Umuyaga ushira i bumanuko, ugahindura ushira i burārūko; uhindagura akanya kose mu rugendo rwawo, maz’ ugasubira mu gushira irya n’ino kwawo. 7 Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama zishishikara. 8 Ibintu vyose vyuzuye uburuhe; n’ubg’ umuntu atovuga: ijisho ntirihāga kurāba, n’ugutwi ntiguhāga kwumva. 9 Icāhozeho ni co kizobaho, kand’ icākozwe ni co kizokorwa: kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba. 10 Mbega har’ ikintu abantu bavuga, bat’ Ehe rāba, iki ni gisha? Erega kiba carabayeho kera, mu bihe tutaribgabeho. 11 Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira. Ubgenge nta kimazi 12 Jewe Umusiguzi nar’ umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu. 13 Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe. 14 Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga. 15 Ikigoramye ntigishobora kugororwa, kand’ igihaze ntigishobora guharūrwa. 16 Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Ehe nironkeye ubgenge bginshi kurusha abanyitangiye imbere bose i Yerusalemu: mber’ umutima wanje wiboneye ubgenge bginshi n’ukumenya. 17 Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga. 18 Kuko mu bgenge bginshi harimw’ intuntu nyinshi, kand’ ūgwiza ukumenya aba agwije umubabaro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi